Iy’uhanishije umuntu ibikangiro kubw’ukugabitanya kwiwe, Umumarak’ukubwiza nk’ukw’inyenzi yonona

ZABURI 39:11 Iy’uhanishije umuntu ibikangiro kubw’ukugabitanya kwiwe,

Umumarak’ukubwiza nk’ukw’inyenzi yonona: N’ukuri umuntu wese n’impwemu zihumetswe gusa.

Icaha ni kibi.

Icaha kironona

Icaha kirica

Icaha kurahonya

Mfashe akanya ko kuguhamagarira gusenga, Uhe icubahiro Uhoraho kimukwiye. Uhoraho niwe aduharira ivyaha vyacu vyose.

Dusenge: Uhoraho rukundo wewe utirengagiza abakuronderana imitima imenetse,twongeye kugusaba imbabazi kuvyaha vyose, tuzigamire mw’isi,uduhezagire kandi utwigishe kukwubaha no kukugamburukira. Ni mw’izina rya Yesu twizeye,Amen.

Publicités