Yesu agendagenda mu bisagara vyose no mu mihana yose , yigisha mu masinagogi yabo,avuga ubutumwa bwiza bw’ubwami

MATAYO 9:35-38 Yesu agendagenda mu bisagara vyose no mu mihana yose , yigisha mu masinagogi yabo,avuga ubutumwa bwiza bw’ubwami,akiza indwara zose n’ubumuga bwose. Abonye ishengero, rimutera akgongwe, kuko bari bagowe,basabagiye nk’intama zitagira umwungere. Maz’abwira abigishwa biwe, at’Ivyimburwa ni vyinshi, arikw’abimbuzi ni bo bake. Nuko ni mwinginge Nyen’ivyimburwa arungike abimbuzi mu vyimburwa vyiwe.

Dusenge: Uhoraho Nyenububasha Erega uri mwiza bihebuje. Babarira ivyaha vyacu. Kiza ubugingo bwacu imigambi y’umwansi satani. Uduhe kukwubaha no kugukorera ibishimwa. Uhezagire imirimo y’intoke zacu, impwemu z’inyazi n’inyatsi turaziranduje mw’izina rya Kristo umwami wacu twizeye Amen.

Publicités