Uhoraho Imana Yehovah-Rapha, akomeza gukorera abarundi ibitangaza.

*INTAHE: ABIZEYE YESU KRISTO BAFISE IBANGA RIHAMBAYE*

Hariho igihe tubashikiriza ubutumwa, ubuvugishwa, amasengesho, intahe, canke amashimwe; abantu bamwe bakibaza yuko ari ibintu vyo guhuguza , kwivugira canke guta umwanya. Hamwe ivyo dukora, tuvuga vyoba arivyo imburakimazi tuba twarabihevye kera. None rero mwomenya yuko dukorera kandi dusenga Imana y’ubushobozi, Imana yumva kandi ikora ibitangaza. Kimwe mu turorero twinshi dushimye kubashikiriza uyu munsi ni ingene Uhoraho Imana yakijije uyu mwana w’umwigeme yitwa Dusabe Yvette afise imyaka 19, mubona kuri iyo foto. Yakuriye mugakiza, kandi gushika n’uyu munsi arakijijwe ni naco gituma satani n’abadayimoni biwe batamunezereregwa. Abarozi bati kubera yuko tubona bitadukundira kumwica, reka tumuteze ingwara zituma aheba amashure, ntabone, ntiyumve, ntatambuke kugira ngo amere nk’umugozi w’ikijumpu (umuribo canke umuvyuka) guryo ubuzima bwiwe bube impfabusa, ntihagire ico azovamwo. Amaze kugwara, abavyeyi biwe bamujanye kubaganga batandukanye mbere baramushikana no kubitaro bikoresha ubuhinga bwa none n’abaganga babahinga nko kuri “ Kira hospital” bose barabura ingwara agwaye. Mpwemu Yera aca arahishura ati: “ Mujane ku muganga aruta abaganga bose, umugabo atakimunanira, uwahawe izina rirengeye ayandi mazina yose; muri iryo Zina amavi y’ivyo mw’Ijuru, kw’isi n’ikuzimu birapfukama. Ni izina rya Yesu Kristo.” Dusabe Yvette bamujanye mu cumba c’Amasengesho yo kukarago, ubu ni muzima. Arabona, aratambuka kandi arumva. Haleluya. Imana yacu ihabwe icubahiro. Tuzoguma dusengere n’abandi bose kugira ngo Uhoraho Imana ihabwe icubahiro mu Burundi no kw’isi yose.

http://www.abisezerano.com

Publicités