INTAHE: Hahirwa abumva Ijambo ry’Imana kandi bakaryumvira

*INTAHE: Hahirwa abumva Ijambo ry’Imana kandi bakaryumvira*

Mugihe abantu batari bake bumva Ijambo ry’Imana riciye ku mihora itandukanye bakarifata ibisanzwe, abandi ububisha bugatera bw’uzura imitima yabo; Ihanga Ry’Imana ryo s’uko. Ubwoko bw’Imana bwaratahuye ibanga ryo kw’umva no gukora. (Luka 8:21)

Abo mubona ku mafoto ni abarundi barengeye ubukene bwabo, barengera yuko bari mu bibazo bitandukanye bubaha icagezwe Imana ya bahaye co kuja kuramutsa , gusuhuza no kugemurira abarwariye mu bitaro bitandukanye mu bihugu duhana imbibe; maze barabikora. Infungugwa, indirimbo n’amasengesho nivyo vyaranze uwo mwanya w’akararuhore, kandi Imana yacu yariyerekanye. Imana yacu ihabwe icubahiro, Amen! Ukwizera kutagira ibikogwa kuba gupfuye. Igihe cose uzokwumva ijwi ry’Imana riguhamagarira gukora iciza uraryubahiriza, uryumvire uko uri kwose n’aho uri hose. Aba bavukanyi babere icitegererezo Abarundi bose. Yesu abazigame!

http://www.abisezerano.com

Publicités