Nibutse imisi ya kera; Ndimbura ivyo wakoze vyose : Ngereranya igikorwa c’amaboko yawe.

ZABURI 143:5-6 Nibutse imisi ya kera; Ndimbura ivyo wakoze vyose : Ngereranya igikorwa c’amaboko yawe. Nkwayira amaboko; Umushaha wanje ukugirira inyota nk’iy’igihugu c’umaniwe. DUSENGE : Mana yacu Gitare co kwizigirwa Kibirengeye Imana Ikomeye cane turagushimiye cane Dawe Mw’izina utweretse uyu musi mw’iza udasanzwe icubahiro n’icawe Mwami, n’uyu musi turi imbere zawe Mana shishikara kuturinda no kutuzitirira ubugombe bwawe butubeko, uduhe ibidukwiriye uyu musi icubahiro inganji no gufukamirwa birushirizeho kuba ivyawe mw’Izina rya Yesu Kristo Amen.

Publicités