Kubera igitangaza cakoretse Imana ikazura uwapfuye muri Afrika Yepfo, abisi bavuga vyinshi.

Ni ukuri twebwe nkabizera ubushobozi buri mw’izina rya Yesu Kristo turemeza yuko Imana ikoresheje umusavyi wayo umwungere Alph Lukau, igitangaza carakoretse mu kuri kwamye uwapfuye agashirwa mu buruhukiro asubira kuba muzima. Aho muri ico gihugu nyene turazi uwundi mukozi w’Imana, yapfuye bamushira mu buruhukiro (morgue), amarayo indwi zibiri umunsi bamukuyeyo ngo baje kumushingura bumva arakoroye agaruka muri iy’isi y’abazima.

Abanditse inkuru zitarizo ku mwungere Alph Lukau, ni ibisanzwe yuko ab’isi hamwe n’abafise amashari mu mashengero bavuga ibitarivyo kandi yuko bahakana ibitangaza nkivyo. No mugihugu cacu c’Uburundi, turafise abantu nkabo bobo bashika na kure cane ibikogwa vy’Imana bakavyititira satani. Dufise Isezerano yuko mu minsi Imana iziyetekana n’abapfuye bakazuka. Abo bahakana ubushobozi bw’Imana ni babe baritegura kuko naho wobihakana canke ukavuga nabi ntibibuza Imana gukora utwumiza. Igitangaza c’uwazutse carabaye muri Afrika Yepfo, n’iwacu I Burundi turarindiriye ibitangaza nkivyo.

http://www.abisezerano.com

Publicités