UMURUNDIKAZI W’I BUJUMBURA, IMANA YARAMUBABARIYE IVYAHA KANDI YAMUKUJIJE UMUGERA WA SIDA N’UMWANA WIWE

Dusenga Imana yumva, Imana ivuga kandi igakora. Uyu mwigeme mubona ngaha kw’ifoto aba muri commune Kamenge mu gisagara ca Bujumbura. Yitwa NININAHAZWE Arlelette w’imyaka 23. Nkuko abandi bana n’abakuze vyabashikiye yaranduye, aragwara umugera wa SIDA, araremba. Niho muri ayo makuba yahura n’umukozi wo mw’Ihanga ry’Imana aramwigisha kwihana no kwizera Imana. Yaramenye yuko Yesu ashoboye ashoboye vyose, yuko akiza indwara zose kandi yuko atakimunanira. Yesu yavuze ati: »Ndamukijije » Uyu munsi tuvugana aramaze kuja kwipimisha incuro nyinshi ku mavuriro atandukanye akemeza neza cane yuko yakize indwara y’umugera wa SIDA. Imana yaratanguye gukora ibitangaza mu gihugu cacu c’Uburundi no mu mahanga. Usanga hari abatarabimenya ni bikangure.

Abakurikira amadini n’imana z’ibibumbano ni babihebe baze dusenge Imana ikora ibitangaza, Imana yaremye ijoro n’umurango, Imana yaremye ijuru n’isi.

Woba ufise ico ubaza? Woba ugomba ubufasha muvyo impwemu nivyo mu mubiri? Egera abakozi b’Imana canke utwandikire kuri abisezerano@gmail.com WhatsApp +966556674316 canke +257761404181 canke +254770599738

http://www.abisezerano.com

Publicités

2 commentaires sur “UMURUNDIKAZI W’I BUJUMBURA, IMANA YARAMUBABARIYE IVYAHA KANDI YAMUKUJIJE UMUGERA WA SIDA N’UMWANA WIWE

  1. MWOMPA FONE YA NININAHAZWE ARIETTE YAKIZE SIDA NUMWANA WIWE NDAMWIBARIZE UKURI KO BINYURANYE NIVYO NIZE MWISHURE NAHO NDUWIZERA?NDI DESIRE

    J'aime

Les commentaires sont fermés.