Tobiya na Senibarate ni ibikoresho vy’umwijima satani yahagurukije ngo bizimize abantu.

Tobiya na Senibarate ni ibikoresho vy’umwijima satani yahagurukije ngo bizimize abantu, mukwiyitirira Isezerano kandi bagenzwa n’amarara y’ubutegetsi. Ngo bashingiye leta yabo (n’ubwami) I Uganda, ni akamaramaza!

Igihe cose Imana ihagurukije abakozi ngo bahagararire umugambi w’Imana Yehova, satani nawe kubera ububisha bwiwe nawe aca ahagurutsa intumwa ziwe zikigana uwo mugambi w’Imana. Ivyo vyishushanya satani yarabihagurukije ngo bigwaye Ihanga ry’Imana mukwiyita amazina yihadikiriza kwihanga ry’Imana no mukuvuga nabi abakozi b’Imana. Impera yabo kuzoba kumaramara.

Ihanga Ryera ry’Imana rshizeho Radio Isezerano isamiriza ubutumwa bwiza, iyo mburabugirire nayo yaciye iza irifata amajwi yo gucokora aba na bariya ikavyita ibiganiro ngo ikunde izimiza abadafise ubushobozi bwo gusuzuma no gutandukanya ikinyoma n’ukuri.

Ihanga ry’Imana rishizeho iminsi y’amasengeshi, iyo njavyi yabigenje uko nyene kugira ngo iburabuze abaizera. Yiganye na site, ibiranga ihanga, imbuga za facebook n’ibindi mugutangaza inyigisho z’urwanko, gucokora Abarundi abakuru n’abato, abarongozi b’amashengero n’abihanga ry’Imana.

Mwitegurire amasengesho yategetswe n’Imana ntimute umwanya muvyo umuntu yigeneye kugira ngo akunde asamaze abarundi bugarijwe n’imibabaro n’amaganya. Mbwira gito cane gito c’uwundi cumvireho. Hanga ry’abarundi aho muri kw’isi yose, iyo hageze igikogwa c’Imana satani aca avyura ingunza akazana ibikogwa vyo kuyovya, insaku ibihuha no gucokorana, ntutinye.

Yesu ari kunganji ni wifatanye n’Ihanga ry’Imana mugusenga duhuje umutima n’inama.

Publicités

Répondre

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s