Ishengero mu Burundi no kw’isi ryarananiwe gushika kuco ryahamagariwe kurangura

Kera twumvise ishengero twumva urwego ruturuka ku Mana Data, rufise ubushobozi bwo gutunganiriza abantu n’amaleta, ariko ubu si uko bikimeze. Amashengero, uhereye kuryari ryitwa yuko rihambaye kw’isi, abungere baryo bihaye gushurashuza abana bakiri bato; aho uca wumva yuko ubundi bukozi bw’ikibi bwiraye iwabo. Ishengero ry’i Burundi nti ryasigaye inyuma mu vyaha biteye isoni nko mukwica no gutanga abungere n’abakristo mu myaka y’1972. Abarinda bakora ivyo urumva yuko atakindi kintu bogera umutwe.

Amashengero yitwa yuko arayo abemera ubushobozi bwa Mutima Mweranda nayo ntiyahagaze, yatembagaye nkayandi. Abatishe banezereregwa abica, mbere n’ubuvugishwa bakabutumberereza ku vyiyumviro vy’imihari n’imigambwe, ivyo ubwoko na politike. Ubuvugishwa aho kubabera inzira yo kuronka umuco yababereye inzira y’ubuzimire; gushika naho leta, abadakijijwe n’abofashijwe aribo bahavuye binjira mu mashengero kuyafasha. Birateye isoni gose kandi amashengero yose yo mu Burundi akwiriye kwikubita agashi akagaruka ku murongo wo gukora ico Imana yabahamagariye.

Publicités

Répondre

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s