Umutumiro w’amasengesho yo gusengera imitwaro y’Abarundi bose, Ihanga ry’Imana n’Uburundi*

*Umutumiro w’amasengesho yo gusengera imitwaro y’Abarundi bose, Ihanga ry’Imana n’Uburundi*

Nkuko Uhoraho Imana yabidutegetse twama dufise amasengesho ya bose kabiri mu ndwi Mercredis na Samedis. Uretse amasengesho adasanzwe abera ku bicaniro canke ivyumba vy’amasengesho twita kukarago, dusanganywe, hari ayabera mu migwi itandukanye y’ intara kama, whatsapp na Facebook, abari I Bulaya basanzwe basenga Lundi, Aziya na Ostraliya basenga mardi, Afika ni Jeudi, Canada na Amerika ni Vendredi.

*Igicaniro ca Radio Isezerano Internationale kiguma c’uguruye ijoro n’umurango, iminsi yose. Umwanya wose ushobora gutanga imitwaro isanzwe n’imitwaro yo mw’ibanga, no gusigurirwa inzozi zawe.

Mu masengesho ya bose dusengera imitwaro y’abarundi bose abari mu gihugu n’abari mu mahanga, tukongera tugasengera Uburundi n’ihanga ry’Imana ryose, mwese murimwo kandi muratumiwe.

URUFATIRO RW’IYI NDWI:

-Mukovye mugusenga mwinginga Imana kuko uko Isezerano ryanyu ryatevye niko rigiye gutebuka.

-Gushimira Imana yo yatunganije amasengesho y’Ihanga ryayo ryose yamaze indwi yose kandi vyose bikaba vyaragenze neza cane. Kandi kira tariki ya nyuma y’ukwezi kugira kurangire n’itariki ya mbere ya kira kwezi, Ihanga ry’Imana ryose rizomara iyo minsi imbere y’Imana. Abahawe kudafungura ikintu na kimwe bazobikora uko.

IBISOMWA DUHAWE

——————-

– Zaburi 107 kuva ku murongo wa 1 gushika kuri 43.

INDIRIMBO

——————-

– Imana yanje yarandondeye ubu niyo ndirimba 103

– Mpwemu Yera aradukunda 264

-Amaraso y’umucunguzi Yesu 86

IVYO MWEMU W’IMANA AHISHURA

———————-

-Hariho abantu (1) banezererwa ivyaha n’ingeso mbi (2) hariho abata umwanya mu bitagira ikimazi, (3) abandi bakikwegera guhona mu gukinisha ivy’Imana. Mpwemu Yera at : Ni mubasengera, mubigishe kandi mubereka inzira y’ukuri mu rukundo.

– Imana irururukije ubushobozi, ingabire zitandukanye no gushitswa kw’amasezerano bidatinze, ni witegure imitima yanyu.

IVYOGUSENGERA

—————————–

1. Musengere abo Imana yasize amavuta ngo babaje imbere muri uru rugendo.

2. Gusengera Uburundi n’Abarundi bose abari mu gihugu n’abari mu mahanga.

3. Musengere abakozi b’Imana b’abarundi, abungere, abarimu n’abavugabutumwa batandukanye.

4. Mwibuke gusengera abavyeyi bibungenze, abana bato, abimirije kugira imanza z’ubugeni, abari mu ngendo, abapfunzwe, abageze muza bukuru , abafise ubumuga n’impunzi.

Ni dusangwe Imana, uBurundi n’Isezerano

Bigiriwe I Bujumbura kuwa 19/Ntwarante/2019

abisezerano.com

Publicités