Demo, Dayimo na Tewo: Amajambo urwaruka rufata nabi bakihenda canke bagahendwa

UkuriMENYA UKURI, UKURI NAKWO KUZOGUHA KWIDEGEMVYA
(Kwihenda canke kubeshwa kwama kwashitse)
Hariho amajambo urwaruka rwafashe ukutariko. DEMOKARASI na DAYIMOKARASI. Ukwihenda no guhendwa vyama vyabaye na cane cane mu majambo aturuka mu ndimi zo mu mahanga. Ikibi ni ukwihenda ukanabura ukuri.
Mu rurimi rw’ikigiriki ayo majambo aturukamwo (Demo)DEMO=Abantu, (Daimon canke Demoni) DAYIMO=Impwemu zihumanye, KARASI=Intwaro. Demo+karasi= Intwaro y’abantu canke intwaro rusangi. Dayimo+karasi= Intwaro y’abadayimoni, canke Demonikarasi.
Muri Demo, harimwo ayandi majambo bakuramwo nka Demogarafi= icigwa c’igwirirana ry’abantu, Demofobiya= Gatinyashengero. Mu gifaransa canke mu congereza kivugika nka [Demogarafi]
Muri Dayimo canke Demoni, haravamwo ayandi majambo nka Dayimonoloji= icigwa c’impwemu zihumanye canke c’abadayimoni, Dayimoniyaki= Icibare c’abadayimoni. Mu gifaransa canke mu congereza kivugika nka [Demonoloji na Demoniyaki]
Muri urwo rukurikirane nyene hariho ayandi majambo nkaya afatiye kuri THEO= imana mu bwinshi canke muri rudende. Tewologie= Icigwa civy’[Imana canke imana] (imana mu bwinshi), Tewokarasi= Intwaro ishingiye kuvyo [Imana canke imana] (imana mu bwinshi), Tewograrapfi= Icigwa c’ivyanditse vyerekeye [Imana canke imana] (imana mu bwinshi).
Ayo majambo yose ntari muri Bibiliya, yamuka mu bwenge bw’igipagani.
Ikibi si ukurwa, ikibi ni ukutavyuka ngo ubandanye urugendo.