Babarirana basemerera, bat’ Uwera, Uwera, Uwera, ni we Uhoraho Nyen’ ingabo:

YESAYA 6:3 Babarirana basemerera, bat’ Uwera, Uwera, Uwera, ni we Uhoraho Nyen’ ingabo: isi yose yuzuye icubahiro ciwe. Alleluyaaaa ! Bwoko bw’ Imana, birakwiye ko natwe tubarirana ko Imana yacu ari Iyera, birakwiye kandi birabereye ko dusemerera, Imana yacu ni IYERA kandi ijana n’ ABERA kandi Irabahezagira, Alleluya, ni We Uhoraho Nyen’ ingabo Nyen’ ububasha bwose, Alleluya, DUSENGE : Mana mushobora vyose Mana Kibirengeye Mana Mana Uhoraho isi yose yuzuye icubahiro ca We Alleluya Ubereye amashimwe Ugize neza kutwereka uyu musi guko ni benshi bavyifuje ariko bamaze gupfa ntaco twatanze Murengezi n’Ushimwe, Shishikara kuturinda no kutuzitirira ubuntu bwawe n’imbabazi bishishikare kutubonekaho, inkomezi zawe Mwami zitubemwo ibikwiriye n’ibibereye bivuye mu bugombe bwawe ubiduhe mw’Izina rya Yesu Kristo Amen.

Publicités