Intahe 4 zivyo Uhoraho Imana ihejeje gukora ku mafoto.

INTAHEZE Z’IBITANGAZA BIGUMA BIKOREKA MW’IHANGA RYIMANA

Uko Yesu Kristo yarari ejo, n’uyu munsi niko ari” ni Alpha kandi ni Omega, bisigura yuko ari intango n’iherezo.

Yesu Kristo aguma akiza indwara z’ubwoko bwose, abohora abari mu ngoyi za satani kandi atabara n’abamuhungiyeko bose. Akoresheje abakozi b’Ihanga ry’Umwami Mana, yadukoreye ibitangaza bikurikira:

1. Uwo muvyeyi ukuguru kwari kwaratobotse kubera amangetengete y’abarozi, kwa muganga bari baravuye vyaranse gukira. Ariko aho aziye gusengegwa, ehe nawe irabire yarakize, ubu aratambuka neza. Imana ibiheregwe icubahiro!

2. Uyo mwana yiga mu mwaka w’icenda bamuzanye aseguwe kuko yari yafashwe n’ibisazi, mugabo uwo munsi nyene yatashe imuhira yigendera ashima Imana. Ewe uhoraho uri mwiza kandi abawe urabihishurira!

3. Hariho amadini abohera abayinjiye mu mpwemu zihumanye zitwa amajini bakabigisha yuko Yesu Kristo atari Imana yigize umuntu, ngo yuko Yesu Kristo atari umuhuza w’abantu n’Imana…abo bantu bagaheza bagakubagugwa n’impwemu zihumana, ivyaha be n’abantu bari muri ayo madini; ariko Yesu Kristo yaraye abohoye uyo mukenyezi ubu yarakijijwe ni UmuKristo. Uhoraho Imana ihabwe icubahiro.

4. Kubera indyane z’amatongo, Abarundi bageze kure mu kwicana bayapfa, bamwe bakoresha ibicira umuriro, abandi bagakoresha ivyuma bikarishe n’abandi benshi bakoresha uburozi: Ibitega, agashushure,….Ariko uyo mubona yaraye akize ivyo bamuroze vyagira bimwice. Uhoraho Imana yacu abiheregwe icubahiro!

Uragomba kumenya yuko Imana Yehovah Yire afise ubushobozi bwo kugutabara? Uragomba kwiyumvira intahe zabo? Uragomba ubufasha buturutse mw’ijuru? Twandikire abisezerano@gmail.com canke kuri Whatsapps maze abakozi b’Imana Isumba Vyose bakurangire inzira.

Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo ahabwe icubahiro!

Ntituzohora kuvuga ubwiza bw’Imana, *Zaburi 71: 15:24*

http://www.abisezerano.com

Publicités