Impanuro umu Kristo ahaye abiyita abakozi b’Imana mugabo amajambo yabo ntabashingire intahe.

Impanuro ku bantu biyita abakozi b’Imana mugabo imvugo zabo zikaba izo guteranya, kuvangura no gucokora abizera n’abakozi b’Imana. Tubasaba kwikebuka, bafise ivyo bapfa n’uyu canke uriya bamwegere baganirire canke batabishoboye bigumye kuko kwifata amajwi no kwandika ibiharadabu kubandi baba bonyene bikuyeko agashambara.

1. Kuvuga yuko barongogwa n’ivyagezwe, mpwemu w’ukuri n’ivyanditse, biboneka yuko ari uguta ivyakuzindukanye ugatandukira ivyo udahamvya. Akarorero, ivyagezwe ni indome n’amajambo acira urubanza umuvyaha yorongora umuntu gute? Bibiliya ivuga yuko abana b’Imana ari abarongogwa na Mpwemu Yera apana ivyagezwe. (Abigalatiya 5: 18.)

2. Abavuga yuko batoranirijwe, kubeshuza, kuzimurura no kwerekana ubusambanyi, amadini ahubwo iyo mvugo niyo urujijo. Iryo toranywa ntaho riri mu vyanditswe vyera kuko amabango atanu Uhoraho arobanurira abizera ni kuba intumwa, abigisha, abavugishwa….(Abayefeso 4:11-14.)

3. bavuga ngo bakatura ivyagezwe. Umuntu nti yokwatura ivyagezwe kuko ntaco yobyaturako. Ivyagezwe ni ivyagezwe nyene biremereye nkamabuye, ntibigira imbabazi,?ntivyeza canke ngo bitunganye umuntu ahubwo bimucira urubanza rwo gupfa. wokwatura yuko Yesu Kristo ari Umwami n’umukiza wawe maze ukaronka ubwugamo muri Yesu. (Ubwugamo Zaburi 46:1-6.)

4. kwifatira mu gahanga abakozi b’Imana bose, abavugabutumwa, abasenzi n’ababavugishwa ngo ni abanyavyaha ni ukutamenya ijambo ry’Imana kuko bose bakoze ivyaha bituma badashikira ubwiza bw’Imana. Icaha si ukutaba nka naka ahubwo Icana ni ukurenga icagezwe c’Imana. Icaha ni ukutumvira Mpwemu Yera (1Timoteyo 5:17)

5. Uwibaza wese yoko ahagarariye ivyagezwe vy’Imana arabaza Sawuli ayo yaboneye mu nzira ija i Damasiko. Kugwanira icubahiro c’Imana ntawobishobora ni ukwihenda. Umuntu w’inyama n’amaraso ni iki yorwanire icubahiro c’Imana gute?! Ukwo ni ukurogota, ni Worwanira Imana canke niyo yokugwanira? (2 Abitesalonike 3:3)

6. Bantu mukunda kwishira hejuru, mukagwarira ivyubahiro muragaba kuko muriko muranigana n’Imana (impwemu itatura yuko Yesu ari Umwami 1 Yohani 4:3)

7. Kugwanya inyigisho z’ubutumwa bwiza zose buca ku ma radio n’amatelevision yamamaza ubutumwa bwiza bwa Yesu Kristo ni ukuraba uruhande uba uhagarayemwe kuko satani we nyene nico gikogwa ciwe. Yesu yagize ati genda mwigishe amahanga. ( Kwigisha amahanga Matayo 28:16-20)

8. Abantu bose bategerezwa guca bugufi bagasenga Imana ngo ikize igihugu cacu, igikingire kandi yame igitabara mw’izina rya Yesu Kristo kuko niwe wenyene Umuhuza w’Imana n’abantu! ( Ivyahishuriwe Yohana 2:9)

9. Bakunzi b’umusaraba namwe mwese muvuga yuko mwahamagawe n’Imana, mwame mwibuka yuko ivyasezeranywe vyashitse. Imana yarasutswe Mpwemu wayo kubari n’umubiri bose ( Yoweli 2:28)

10. Yemwe bakozi b’Imana, mwimenyereze guca bugufi, gukunda bose no kwigisha abantu kwama bihana (Zaburi 25:14) kugira ngo nti muzisange mubo bibiliya ivugako ibi (muri 2 Timoteyo4:4). Mwirinde kwisuka muvyo mutagenewe kandi atari ivyanyu ahubwo mukomeze kwinginga Imana kugira ngo ibihishurire kuruta.

Publicités