Nta co mutinya, canke ngo muranduke imitima kubw’ayo masinzi y’ingabo; ku kw’ intambara atar’iyanyu, ariko n’iy’Imana.

2 NGOMA 20:15 Aravuga, ati Ni mutege amatwi, yemwe Bayuda mwese, namwe ababa i Yerusalemu, nawe Mwami Yehoshafati: uku ni k, Uhoraho agize: ati Nta co mutinya, canke ngo muranduke imitima kubw’ayo masinzi y’ingabo; ku kw’ intambara atar’iyanyu, ariko n’iy’Imana. Alleluya. Reka gucika intege Imana Irakuzi reka gutinya, reka kuranduka umutima kubw’ivyo uriko uracamwo, kubiriko bikurusha bikunaniza kuvy’ubona ko ata nzira kubw’imanza uriko uraburana, kubwo kugaragara kuri impfuvyi, kuri umupfakazi, kubwo gusuzugurwa n’abatogusuzuguye, kubw’uburwayi, kubw’ubugumba, ndagutangarije : intambara si iyawe, intambara ni iy’Imana yacu yaremye isi n’ijuru, Imana Yo Yabikunze ukaba ugihemuka umwuka w’abazima, shima mwene Data, shimira Imana yawe, guko ari Yo Ikubwiye ngo ntutinye nturanduke umutima, wewe hagarara neza gusa, gendera mu kugororoka, ugendere mu bugombe bw’ Imana, Uwo Mwami w’Abami ARASHOBOYEEEEEE. Dusenge : Turagushima Mana Nziza ku bitangaza wakoze tukaba turi bazima n’Uhabwe icubahiro ni Wewe twizigiye ni Wewe duhanze amaso turwanirire tuneshereze abaduhiga Ubahige abaturwanya Ubarwanye abatwanka Ubanke Uduhe amahoro Uduhe umunezero Uduhe imigisha Uduhe inkomezi zo kugukorera no kugenda uko ugomba Utwuzure kandi Utwuzuze icubahiro n’icawe turakubashe turagukengurukiye mw’Izina rya Yesu Kristo Amen.

Publicités