Abantu benshi baza kuri we bazanye abacumbagira n’ibimuga n’impumyi n’ibiragi, n’ abandi benshi, babashira imbere y’ibirenge vyiwe, arabakiza.

MATAYO 15:30 Abantu benshi baza kuri we bazanye abacumbagira n’ibimuga n’impumyi n’ibiragi, n’ abandi benshi, babashira imbere y’ibirenge vyiwe, arabakiza. Alleluya Alleluya Alleluya, Yesu Arakiza ingwara zananiranye, Yesu Aratabara ivyananiranye vy’uburyo bwose, woba uri murabo benshi ! Ikubite imbere y’ibirenge vyiwe, Ntakimunanira, mwubahe Akubahishe, Alleluya. DUSENGE: Mana Mushobora vyose turagushimiye cane kuba utweretse uyu musi n’Ushimwe Mana natwe turi ku birenge vyawe duciye bugufi ehe benshi ni impumyi ehe benshi baracumbagira n’ibiragi n’abasambanyi ehe baborewe n’isi ehe ishari inzigo urwanko turakwinginze Dawe Mwiza Udutabare ivyo vyose vyokwikakisha imbere y’amaso yacu vyokwitambika imbere yacu Ubisambure mw’Izina rya Yesu Kristo turi ku birenge vyawe duhe umugisha wagure imbibe zacu ukuboko kwawe Mana kugende kuturamira uturinde ivyago uturinde amakuba uduhe amahoro uduhe umunezero mwIzina rya Yesu Kristo kugira benshi babone ibikorwa bitangaje wadukoreye Amen.

Publicités