Ubuhanuzi bwavuye ku musozi w’amasengesho buraba Abarundi bose abari mu gihugu n’abari hanze mu mahanga.

IHANGA RY’IMANA: Abasenzi, abavugabutumwa n’abandi b’itangira umurimo w’Imana mu kwisonzesha no gusenga bakomeza kugwira mu gihugu cacu c’Uburundi no mu mahanga.
Ku musozi w’amasengesho, i SHILO mu ntara ya Rumonge, abasenzi b’Ihanga ry’Imana bamaze iminsi 3, amajoro n’imirango bari kuri uwo musozi w’amasengesho b’isonzesheje bari imbere y’Imana bateramiye ubugingo bwabo kandi basengera imitwaro itandukanye.
Imana yarabiyeretse iremeza amasezerano yahaye Ihanga ryayo ry’Uburundi bw’Isezerano kandi iravuga yuko igiye kuyashitsa bidatinze.
Uhoraho Imana yaratubwiye kandi yuko dukwiriye gusenga dusambuza imigabo ya satani kuko yaduganye kw’isi abadayimoni benshi bo:
-Kuyovya abana b’Imana mu nyigisho zivangura abantu, zigacanishamwo abandi zizanwa n’abavuga yuko bahamagawe kandi ari abavangiwe n’abatumwe na satani.
-Gusambura ingo zubatse kuko zigiye gusambuka abantu bahukane hakoreshejwe ubusambanyi bw’ishano, amacakubiri y’amoko no gupfa ’amafaranga.
– Gusuka inyifato zitandukanye mbi mu bantu nko kwambara uduhenerezo, utubindo, uduhuzu twerekana umubiri, kwiraba amabara no guhindura urukoba rw’umubiri….
– Guteza impanuka n’amasanganya akomeye ku Barundi mu ndege, mu bwato, ku miduga, amapikipiki n’amakinga. Hazotera imvura, imyuzure, amabarabara n’imisozi bitwarwe bihitane abantu.n’inzuzi zihe inkumbi.
Ncuti namwe bagenzi, ni ugusenga. Imana iragomba yuko abantu bose, abakuru n’abato, abari mu gihugu n’abari hanze bihana, bahindukire kugira ngo ikize igihugu cacu.
Atari uko, ababi bagiye kurimbuka , abagororotsi bajanwe mw’ijuru n’abasezeraniwe Uburundi bw’isezerano bahabwe gutunganya igihugu bushasha bakurikije umugambi Uhoraho Imana yabahaye. Mwirinde abavugishwa b’ibinyoma bababwira ngo wahamagariwe ibi na biriya, ngo ni wewe watoranijwe kurongora igihugu, ni satani abasuka ngo muzorwe ku risongoye.
Imana igiye gukorera ibitanganza Ihanga ryayo kandi uwuzokwishira hejuru wese azokenyuka.
Yesu ari ku ngoma.