Umutumiro w’amasengesho y’Ihanga ry’Imana ryose.

*UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YO GUSENGERA IMITWARO Y’ABARUNDI NUBURUNDI*

*Imana idusavye kugira amasengesho y’inkomezi ku bugingo bwawe no ku bugingo bw’abarundi kuko satani yicaye ku migisha yawe n’ayo igihugu. Ni ukubohoza amasezerano yawe yose kuko Uhoraho yarayatanze*

Hanga ry’Imana namwe mwese mwumva ururimi rw’ikirundi,

nkuko Uhoraho Imana yabidutegetse twama dufise amasengesho ya bose kabiri mu ndwi Mercredis na Samedis. Uretse amasengesho adasanzwe abera ku bicaniro canke ivyumba vy’amasengesho twita kukarago, dusanganywe bitandukanye, ayabera mu migwi itandukanye y’ intara kama, whatsapp nka (Dusabe Mpwemu) na Facebook, abari I Bulaya basanzwe basenga Lundi, Aziya na Ostraliya basenga mardi, Afika ni Jeudi, Canada na Amerika ni Vendredi.

Mu masengesho ya bose dusengera imitwaro y’abarundi bose abari mu gihugu n’abari mu mahanga, tukongera tugasengera Uburundi n’ihanga ry’Imana ryose, mwese murimwo kandi muratumiwe. Uwurongowe gufata amafungo abigira uko nyene.

URUFATIRO RW’IYI NDWI:

– » IVYACU SATANI YARIYE VYOSE AGIYE KUBI DAHWA »

-Uri uwigiciro imbere y’Uhoraho – Intambara urimwo si rwawe I cecekere kuko Data araje kuku rwanira.

– hanga amaso mwijuru kuko niho ugutabarwa kwawe kuzo turuka.

IBISOMWA DUHAWE ~~~~~~~~~~~~~~

-Zaburi 23 :8 Yobu 20: 14- 15

-Yesaya 58 : 1-14 , Nehemiya 5:1-12, YESAYA 62: 1-4

-2 NGOMA 20: 13 – 23.

INDIRIMBO TUZORIRIMBA

-Indirimbo: 49; 259; 68; 147 ; 210

IVYO MPWEMU AHISHURA

-Abantu benshi bafise amasezerano ariko kuyashikira ni ingorane. Hari ivyacu satani yamize kuko we ntaco yaremye icamuzanye hano ni ukwica no gutikiza ivyo Rurema yashizeho. Buri muntu wese nasenge kugira ngo tudahwishe satani ivyacu yamize

-Ni uko usanga abantu benshi basenga bakanisonzesha ariko bitari mukuri .bakarangwa namahane; ubudyarya; ubu beshi; n’ubugunge. Ndiho arabitunganya. Rero suzuma uko uriko usenga

– Hari abantu bakijijwe ariko batigera bizera ko ari abagaciro. Ni ukubigisha mukama mubibutsa kandi mukabatera intege.

-Hari abantu baruhijwe n’ibibazo ibi canke biriya: ubukene; indwara; ubugumba; ubupfuvyi; ubupfakazi ; kubura akazi; kwankwa; kuba mwibohero……  » abobantu bose nibasengerwe kugira ngo Imana ibasubize mwo ivyizigiro »kandi izo ntambara nizakanya gato kuko Araje guhindura ibintu adatevye.

IMITWARO YO GUSENGERA

0. Gusengera abanyegiputa bikurikiza ihanga ry’Imana, abazimiye baguma bigana ihanga ry’Imana ngo bareke kuzimiza abandi kandi nabo bazimuruke canke Uhoraho Imana yikorere.

1. Abo Imana yatoranije bakarongora iri Hanga ryayo bongegwe inkomezi zo kuyikorera. 2. Gusengera uburundi, ababubamwo, ababuvukamwo hamwe n’ababukunda.

3.Gusengera abizera bose aho bari hamwe n’abakozi b’Imana aho bari hose.

4. Gusengera abana bari musi y’imyaka 12 babavyeyi bibungenze kuko satani abafiseko imigambi mibisha.

5. Gusengera abasirikare bagiye mu butumwabw’amahoro hanze kuko satani yakenyereye gusambura ingo zabo no kwonona ivyabo.

6. Gusengera abari mu munyororo wa satani n’abari mu mabohero yo mugihugu cacu n’imiryango yabo.

7. Kubicaniro vyose uko ari 24 tuzosengera imitwaro yo mwibanga, duhezedusengere n’abarwaye bari muri twe, abafise ibibazo bitandukanye hamwe n’iyindi mitwaro tuguma twakira.

Ni dusangwe Imana, uBurundi n’Isezerano.

Bigiriwe I bujumbura kuwa 09/04/2019. abisezerano.com

Publicités