Uhoraho abarira Yosuwa, at’Uyu musi mbakuyekw agakengerwe Abanyegiputa babakengereye, ndagatembagaje

YOSUWA 5:9 Uhoraho abarira Yosuwa, at’Uyu musi mbakuyekw agakengerwe Abanyegiputa babakengereye, ndagatembagaje. Ni co catumye aho hantu hitwa Gilugali na bugingo n’ubu. Alleluya ! Ni kenshi wahahajwe ni vyinshi vyagusuriraniyeko waragwaye waranswe nabatokwanse, wahemukiwe n’abatoguhemukiye ivyawe vyinshi vyaronenekaye kubw’abantu ariko hari Imana mw’ijuru ishoboye vyose, niyo ivuze ngo humura ngo ivyawe vyapfuye ni bizuke mw’Izina rya Yesu Kristo, Yesu Kristo agukuyeko agakengerwe wakengerewe, mbere aragatembagaje ! DUSENGE : Mana Nyenicubahiro Mana Kibirengeye Mana Mushobora vyose uyu musi turi imbere yawe tugushima tukuzamuriye icubahiro Nyaguhora ku Ngoma n’Ushimwe. Twongere imbaraga zo kugukorera uduhe wa mutsima wagaburira Eliya akabandanya urugendo tugire imibindi wiyugunyurije tugire ivyuma wikarihirije tugire igisekuzo co gusekure ivyigira imisozi vyose uduhe amahoro uduhe umugisha icubahiro kirushirizeho kuba icawe mw’Izina rya Yesu Kristo Umucunguzi wacu Amen.

Un commentaire sur “Uhoraho abarira Yosuwa, at’Uyu musi mbakuyekw agakengerwe Abanyegiputa babakengereye, ndagatembagaje

Les commentaires sont fermés.