Ukubeshuza ubuvugishwa butari ubw’ukuri.

UKUBESHUZA UBUVUGISHWA BUTARI UBWUKURI

Igihe cose uzokwumva ibintu bihushanye n’ijambo ry’Imana ryanditswe muri Bibiliya uzomenye yuko ritavuye ku Mana kuko Ukoraho ntiyivuguruza.

Muri iyi minsi hariho abagira ivyiyumviro bakavyita ubuvugishwa. Bagaheza bakavuga ngo Mpwemu w’Imana yavuze. Akarorero ni aka gakurikira:

« Ikindi twabariwe ngo ntidukwiye kuvuza uruhwa aho ni kubagabo na basore ngo satani nigwo yakoresheje aje gukoresha icaha umwana w’umuntu Eva »

1. *Iciyumviro* : Kuvuza uruhwa nivyo satani yakoresheje mu kurwisha umwana w’umuntu! Kuko inzoka zivuza uruhwa canke kubera vyanditswe muri Bibiliya?

Canke kubera mu mico y’ikirundi babuza umugore kuvuza uruhwa ngo yoba yishushanije n’umugabo!

Ivyo ni ibintu vy’imico n’imigenzo abantu baba bagomba gusukiranya n’ivyo Imana. Senge tubaze Imana yuko ubwo buvugishwa bwavuye k’Uhoraho. Kuvuza uruhwa ntaco bisa bisana n’ivyabereye mu murima wa Édéni haciye imyaka ibihumbi n’ibihumbagiza.

« ikindi twabujijwe na MPWEMU yera n’ukuvugango Amina ngo ngaho ntituba tuvuze Amen yo Mw’Ijuru ngo tuba tuvuze nyina WA muhamadi ngo yitwa amina ivyo birabujijwe mwihanga ikindi ngo ntitukongere kuvugango ni hatali ngo kuko hatali n’umudayimoni ajejwe gusenyura ibiraro uwo mudayimoni ngo ivyo tuvugango nihatali tuba tumushemagiza ngo hari nigihe dukoregwa igitangaza n’UHORAHO tukavuga ngo ni hatali icogihe tuba tuvuzeko ari hatali yabidukoreye Imana itubabarire cane mubibwire n’abandi murakoze Yesu abahezagire🙌🏻®️ »

2. *Ivyiyumviro*: Uyu muntu yanditse ubu butumwa ashobora kuba atazi ico amajambo asigura nico ahagarariye mu ndimi zitandukanye. Mwirinde gupfa kwemera ibintu vyose.

-Amina= Amen mu giswahili, mu kizulu (Ameni) no mizindi ndimi, bishishitse umuswahili akita umugore wiwe amina ntibikuraho izo ndimi canke ngo abantu bace baheba iryo jambo.

-Hatali ni ijambo ry’igiswahili risigura igihambaye, igikomeye, …mu kirundi. Mu mvugo y’ikirundi ryaje risigura igitangaza canke akararuhore. Umuntu arivuze mu kirundi abazi ico avuze. Ntiwoca uheba Ijambo rifise ico risigura uzi neza ngo n’uko mu rundi rurimi risigura ukundi.

None abapagani iyo bavuze imana baba bavuze kiranga canke ikindi kintu twoca duheba kuvuga IMANA ngo twoba tuvuze ikibumbano! Oya ntibodukura ku majambo ahubwo twobigisha ico bisigura.

– Hariho ibintu abantu bitirira Mpwemu w’Imana kandi ari ivyiyumviro vyabantu.

-Ibinntu umuntu atogira Ijambo rya Bibiliya yishimikiza kugira ngo abisigure ni ukuvyitondera.

– Imbere yuko uvuga ngo Mpwemu yavuze ni ukumenya yuko ico cavuzwe gihuye n’ijambo ry’Imana ryanditswe mûri Bibiliya kuko Imana ntiyivuguruza.

Publicités