Intahe n’amashimwe k’Uhoraho Imana yacu yakijije abana kubwo amasengesho y’Abarundi umwe muri Australia uwundi I Burundi

*INTAHE N’AMASHIMWE KWA YESU KRISTO ZIBANDANYA KU DUDUBIZA MU BARUNDI*
HANGA RY’IMANA, Abarundi b’imihingo itandukanye mu gihugu, mu karere k’ibiyaga binini, muri za Australia n’ahandi babandanya kwibonera ubushobozi bw’Imana biciye mu masengesho.Natwe tukabandanya kuduza amashimwe kuko Uhoraho Imana Yehovah Rapha, akomeza kwihesha icubahiro mu migwi itandukanye y’Abarundi. Abasenzi baba abakorera mu vyumba vy’amasengesho yo ku karago eka n’abakorera ku mihora ngurukana bumenyi babandanya kwishugwa mu buryo buboneka iyo bitayeho gusenga Imana mu kuri no mu Mpwemu.Intahe zihushikira zivuga yuko aba bana mu bona, uyu wa mbere yari muri koma, asa n’uwavuye mu mubiri abaganga bahebuye. Kubera inkomezi z’amasengesho yo kwitanga, yaragarutse araba muzima aca aboneka kw’ifoto igira 2 ameze neza. Uyo igira 3 kubera amasengesho ubu ariko aramwenyura arashima abamusengeye. Dushimire abo kugicaniro muri Australia basengeye kandi n’ubu bakomeza gusengera uyo mwana ariko arashima, eka dushimire nabo muri « Terindambwe mu gakiza » ku gikogwa co gusenga bakoze, n’andi bose bitanga mugusengera imitwaro itandukanye.Turangize duhamagarira Abarundi aho bari hose, abari kure n’abari hafi kwijukira kwihana no gusenga Imana kugira ngo twese twibonere kugira neza kwayo.Umwami wacu Yesu Kristo arahanganye ku ngoma mw’isi yose!

Publicités