Umutumiro w’amasengesho y’iyi ndwi.

*URUTONDE RW’AMASENGESHO Y’IHANGA RY’IMANA MU GIHUGU CACU NO MUYINDI MIHINGO Y’ISI.*

Nkuko Uhoraho Imana yabidutegetse twama dufise amasengesho ya bose kabiri mu ndwi kuwa gatatu w’iyinga (Mercredi) na no kuwa gatandatu w’iyinga (Samedi). Uretse amasengesho adasanzwe abera ku bicaniro bitandukanye canke ivyumba vy’amasengesho twita kukarago, dusanganywe bitandukanye, ayabera mu migwi itandukanye y’ intara kama, ayabera mu migwi ya whatsapp nka (Dusabe Mpwemu) na Facebook, abari I Bulaya basanzwe basenga amasengesho yo kwitanga ku wa Mbere w’iyinga (Lundi), Aziya na Ostraliya basenga kuwa 2 w’iyinga (mardi), Afika ni kuwa kane w’iyinga (Jeudi), Canada na Amerika ni kuwa gatanu w’iyinga (Vendredi.)

Mu masengesho ya bose dusengera imitwaro y’abarundi bose abari mu gihugu n’abari mu mahanga, tukongera tugasengera Uburundi n’ihanga ry’Imana ryose, mwese murimwo kandi muratumiwe. Uwurongowe gufata amafungo abigira uko nyene.

Kira ndwi tuba dufise urufatiro rwayo, rugizwe n’ibisomwa vyo muri Bibiliya twahawe na Mpwemu Yera, tubadusifise kandi n’indirimbo zatoranije, n’ivyo Mpwemu Yera yahishuye kuri aba na bariya.

Tuba dufose kandi n’imitwaro itandukanye yo gusengera, iyo mwibanga niyo ku mugaragaro, tuba twahawe n’abantu kugiti cabo, imiryango, amashirahamwe n’amashengero atandukanye.

Turaheza tugasigura inzozi, inyereko n’ubuvugishwa, tukanashikiriza benevyo ivyavuye mu mitwaro n’amasengesho twakoze.

URUFATIRO RW’IYI NDWI

-Abifilipi 2:8-11

– Abaroma 8:1-13

INDIRIMBO

-215, 98, 27

IVYO MPWEMU AHISHURA

– Abantu bamwe bagerageza kugabanya ubushobozi buri « Mw’izina rya Yesu Kristo «  abandi satani akabahuma amaso yuko muri Yesu Kristo ariho hari ubukiriro bw’umutu wese.

Ariko weho ntihagire ikindi kintu ushira imbere ya Yesu Kristo kuko ariwe shusho y’Imana itaboneka ( Abikolosayi 1:15-18)

– Harabo satani yibagije mu kubakubagura yuko muri abami n’abahereji, yuko muri ihanga ryatoranijwe. Ariko mweho muvyature, mu bishingire intahe kandi mutangure kubigendera aho uri hose. ( Ivyahishuriwe Yohani 1:6)

IMITWARO

– Ukwezwa, gutunganywa no kuvugutigwa kw’abakozi b’Imana ( abavugabutumwa, abasenzi, abaririmvyi n’abakozi b’itangira Radio Isezerano)

– Abo kubicaniro bitandukanye na cane cane ibicaniro vya Congo Fizi, igicaniro ca Kigoma Tanzania n’igicaniro ca Uganda satani ariko aragerageza gukubagura.

– Tusosengera abagwaye, abapfunzwe, impunzi, abakenye n’abashonje, abari mu mutekano muke, ingorane ziri mu ngo n’imiryango, abagendana ubumuga, abana bo mw’ibarabara n’abageze muza bukuru.

– Kuburyo budasanzwe, tuzosengera impwemu mbi y’amacakubiri yiziziye igihugu cacu. Amacakubiri ahagaze ku moko, amacakubiri ahagaze ku migambwe, ku madini, ku ntara n’ivyiyumviro bibi vyose vyankanisha abantu.

KWEGERANYA IMITWARO

– Mugukorera Imana umwe wese yakire imitwaro itandukanye tuzoyisengera, abo tuzoshikako tuzobashikeko, tubagendere kandi n’abakeneye impanuro bazihabwe.

– Imana iravugana n’abantu benshi mu nzozi n’inyereko mugabo benshi ntibabisonukigwa. Mubaze abantu indoto zabo muzibasobanurire, izo mudashoboye tuzishire imbere y’Imana.

Yesu abahezagire!

*Ufise imitwaro yo gusengerwa canke inzozi ushaka gusigurigwa* uratwandikira kuri email: abiszerano@yahoo.com canke ukaduhamagara kuri numero twama turiko turashira ku mbuga.

Umwami wacu Yesu Kristo abazigamire mu buntu bwiwe!

abisezerano.com