Buno Yesu aduganwa na Mpwemu mu bugaragwa ngw ageragezwe n’umurwanizi.

MATAYO 4:1,10 Buno Yesu aduganwa na Mpwemu mu bugaragwa ngw ageragezwe n’umurwanizi. 10 Buno Yesu aramubwira, ati Mvako, satani, kuko vyandistwe ng’Uhoraho, Imana yawe, abe ari yo usenga, kand’abe ari yo nsaba yonyene. Alleluya bagenzi, igihe cose uri mu bibazo, uri mu ngorane zikomeye iki kivaho ikindi kikaza bigatororokana, uramenya ko Mpwemu w’Imana Nzima yagutanze kuri se kibi kugira ugeragezwe ! Na Yobu vyaramushikiye ! Na Yesu Kristo Umwana w’Imana Nzima yarageragejwe ! wewe rero menya uko ukwiye kurwanya satani kugira akuveko! asama vuga! tegeka! irukana satani aguhunge ! guko ni wamara kunesha abamalayika nabo baraza bakuramire Imana Iraza kugutabara. Alleluya. DUSENGE : Mana turagushimiye cane uturamukije amahoro n’Ushimwe Dawe Mwiza ni vyinshi vyari bibundiye ubugingo bwacu waturwaniriye n’Ushimwe Shishikara kutugirira neza imbabazi zawe zitubonekeho Uduhe umugisha Utwagurire imbibe zacu Ukuboko kwawe kugende kuturamira Uturinde amaganya amagorwa amakuba n’ivyago Uduhe amahoro Uduhe umunezero mw’Izina rya Yesu Kristo Umucunguzi wacu Amen.

Publicités