Namba wama usoma ijambo ry’Imana canke ukunda kuryiga; wishure kuri tuno tubazo:
1) Vuga ico aba bantu bariko barakora igihe bahamagarwa gukora umurimo w’Imana:
a) Elisa
b) Paulo
c) Simoni Petero
d) Mose
2) Aba bantu amazina yabo yarahinduwe bitwa ukundi, vuga uko bahora bitwa:
a) Aburahamu
b) Isirayeli
c) Sara
d) Yedidiya
Inyishu
1. Igihe yahamagarwa gukora ibikorwa vy’Imana:
a) Elisa yariko ararimisha inka ( Eliya kuko yari akeneye uwumufasha; amutererako umutamana wiwe nawe amenya ko akwiriye kumukurikira)
1 abami 19: 19-21
b) Paulo yari munzira ija i Damasiko kurondera abavuga izina rya Yesu ngo abashirishe mw’ibohero (ivyakozwe n’intumwa 9: 1-9)
c) Simoni Petero yariko araroba bari kumwe na Andereya mwene nyina. Yesu arababwira ati nimunkurikire nzobagira abaroba abantu. Matayo 4:18-19
d) Mose yari aragiye intama za sebukwe (Yetiro). Kuvayo 3: 1
2. a) Aburahamu yahora yitwa Aburamu. Itanguriro 17:5
b) Isirayeli yahora yitwa Yakobo, anigana n’umumalayika Imana ica imwita iryo zina. Itanguriro: 32: 28
c) Sara yahora yitwa Sarayi. Itanguriro 17: 15
d) Yedidiya ni Salomo risobanurwa ngo Uwukunzwe n’Uhoraho.
2 Samweli 12:25
Umwami Yesu abahe Umugisha no kumukunda kuko ariwe Jambo!
Amen!