Intahe n’amashimwe y’ihanga ry’Imana.

INTAHE N’AMASHIMWE K’UHORAHO IMANA YACU

HANGA RY’IMANA, dukomeze gushira hejuru no kwamamaza Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo. Abatura n’abarongogwa n’ivyagezwe bo ntibazi iyo baja. Yesu Kristo niwe Nzira n’Ukuri n’Ubugingo. Itanguriro n’iherezo, yakoze ibitangaza vyinshi kandi n’ubu akaba akiriko. Ehe kandi yadukirije umuvukanyi kubera amasengesho y’abera bari mu gihugu ca Congo.

Uyo mubona kw’ifoto yitwa Gorethi akaba yaramaze imyaka Irenga 2 igitereko ciwe kiriko kiriko kirakubagugwa na satani. Ivyamushikiye biteye ubwoba yari yagiye mu bihugu bitandukanye biranka.

Ubwa mbere yibungenze amahasa arashonga, hanyuma atwara iyindi mbanyi yacishako imara imyaka itaravuka mugabo kubera amasengesho ahava arabwigwa ivyarivyo kandi aratabagwa. Tubabwire yuko yari yarirukanze mugihugu no mumahanga mugabo ntiyafashwa gushika igihe yahuriye n’abo bingizi twababwiye aho haruguru. Imana iriko irakorera Impande zose kandi natwe tuguma tuyigina. Mukurangiza reka dushimire Cécile yamwirukiye akamutabariza mw’Ihanga ry’Imana, tunashimire na Gotethi yamenye yuko atahandi hari urukiza atari muri Yesu Kristo. Dusabe kandi abantu bose bafise ibibazo kumenya yuko atahandi hari ubukiriro atari mu Mana. Indwara zananiye abaganga, ibibazo vyananiye abahambaye vyose uko bingana tubitwara ku birenge vya Yesu Kristo.

Uyu munsi Cécile na Gorethi barashima kubona Imana yaturemye ikomeza kwiyerekana, kandi Ihanga Ryera ry’Imana ryifatanije nabo muri ayo mashimwe..

Publicités