Ni nde Mana, atar’Uhoraho? Ni nde Gitandara, atar’Imana yacu?

ZABURI 18:31-32 Ni nde Mana, atar’Uhoraho? Ni nde Gitandara, atar’Imana yacu? Ni yo Mana inkenyeje inkomezi, Igatunganya inzira yanje. Alleluyaaaa.DUSENGE: Mana Mushobora vyose Gitandara c’abakwizigiye tugushimiye ubuntu n’imbabazi watugiriye Nyaguhoraho Utweretse uyu musi n’Ushumwe Ni Wewe Nkinzo yacu ni Wewe Buhungiro bwacu ni Wewe Twishimiye Dawe Mwiza Udatetereza Shishikara kuturinda no kutuzitirira utwuzuze mw’Ubwenge bwawe Utwuzuze mw’Ijambo ryawe Udukenyeze inkomezi zawe ivyo vyose vyotuma Izina ryawe rirushirizaho guhabwa icubahiro ubiduhere ubuntu bimenyekane ko ari Wewe Mana twizigiye Utunganya inzira zacu mw’Izina rya Yesu Kristo Amen.

Publicités