Intahe n’amashimwe kuvyo Uhoraho Imana akomeza gukora mw’Ihanga ryiwe.

INTAHE, AMASHIMWE N’ICUBAHIRO K’UHORAHO YEHOVAH IMANA YACU

HANGA RY’IMANA, mwahamagariwe mwese kuba abera ubu n’ibihe vyose. Intahe n’amashimwe kubwo Imana ikomeza kugiriraneza abayize biguma bibogaboga.

Ntawezwa n’ivyagezwe naho vyoba 10 canke 600, canke impongano mugabo twese twezwa n’amaraso ya Yesu Kristo yavuye kubwacu ku musaraba i Golgota.

Ivyagezwe ntakindi bibereyeho atari ukubamenyesha icaha no kubacira urubanza rubi, rwo gupfa. Ntibizigera bigutuma kwitangira abandi canke ngo bikweze. Ariko Yesu Kristo ariho kugira ngo atubabarire ivyaha, adukize kandi atwuzuze n’Imana.

Ntimukeneye no kuba mu mashengero n’inyubako nini kandi zitatse amabara kugira ngo mukorere Uhoraho Imana yanyu, naho navyo ari vyiza, ariko ushobora gukora iciza aho ugeze hose, ushobora kuba umuserukizi w’Umwami wacu Yesu Kristo aho uri hose, haba munsi y’igiti, ku karago canke i ruhande y’izira.

Abo mubona kw’ifoto yambere bariko barakora igikogwa umukristo wese ahanagarigwa gukora. Bariko baragaburira ubuyi uwuri mu ngoyi za satani.Imana yacu iguma ikora ibitangaza vyo gukiza abari mu goyi za satani. Imiyaga ihumanye, ibitega, abararama, amahembe, amageza, n’ubundi bwoko bw’uburozi buriko burakira mw’Izina rya Yesu.

Mwiyubare inyigisho z’abavuga ngo na satani arakora ibitangaza. Kuroga, kuragura, ubukonikoni, gupfumura, …ivyo si ibitangaza ni ubukorikori., kandi ntawatoranijwe bizohindukiza. Imana ntihagaze mu tujambo, yiyerekana mu bikogwa, mu gukiza, mu gutabara no mu bikogwa vyiza.

Yesu Kristo niwe wenyene akora ibitangaza vyo gukiza indwara zose, gutabara no kuruhura abarushe n’abaremerewe, no kubohora abari mu ngoyi. Satani iyo yiganye igitangaza akora amareba. We nta kindi kimugenza atari ukwiba, ukwica no gusambura.

Abo mubona kw’ifoto igira 2 ni bamwe mu bakozi b’Imana b’abasenzi twasanze ku gicaniro bariko barakora igikogwa c’Iteka mu gihugu cacu.

Imana yarihagurukirije ingabo, intwari, inyankamugayo n’abateramyi b’abinginzi b’Ihanga ry’Imana mu gihugu cose no mu makungu.

Abatama, abatamakazi, abagabo, abakenyezi, imisore n’inkumi eka n’abana bama imbere y’Imana basengera imitwaro itandukanye y’Abarundi n’abarundikazi.

Muntu wese aho uri hose, idini n’ishengero ryose urimwo; harageze yuko ufata ingingo yo kumenya ko Yesu Kristo ariwe Mwami n’Umukiza wenyene, niwe dini n’ishengero ryacu, niwe buraro n’uburamuko bwacu, niwe gupfa no kuzuka kwacu kandi muri we niho hari ubukiriro bw’uwariwe wese.

Woba ufise inzozi uronderera insobanuro, woba ufise umutwaro ugomba yuko abasenzi n’abinginzi bagutwarira imbere y’Imana; woba uremerewe mu mutima wawe ukeneye ubufasha bw’umukozi w’Imana; woba wipfuza kubatizwa muri yorodani nkuko Bibiliya ibitwigisha; twandikire kuri abisezerano@yahoo.com canke uce kuri whatsapp.

Imana Nyene ubushobozi ibahezagire!

abisezerano.com

Publicités