Intahe n’amashimwe vy’Ihanga ry’Imana kubwa Aline na Cecile.


INTAHE NAMASHIMWE KU MANA YACU NI IMANA YUMVA KANDI YISHURA


Hanga ry’Imana, iyi Mana yadutoranije ngo tuyikorere, ni Imana yumva, Imana ivuga kandi ni Imana yishura. Nkundira ndabashikirize intahe zabo Imana yaraye igiriye neza kuko yabakikije indwara zitandukanye, natwe tubafashe gushima.


1. Uwambere (A.K)ati: »nari ngwaye kuburyo nagiye mu butintanka ntibwahera. Mara amezi n’amezi ndi mu miziro.
Kubera gukama amaraso ndatakaza ibiro cane, ndonda kandi nkazungurigwa cane kubera intege zose zampezemwo. Amajambo y’Imana mutubwira araturemesha cane kandi amasengesho mudusengera aratugirira akamaro.
Nagize ukwizera, mbwira Imana nti naho ntarinda kuja mu cumba c’Amasengesho, urashobora kunkiza kubera nasengewe kandi ndakwizeye Mana. Kuva ku munsi wa kabiri w’iyi ndwi, narakize, ndameze neza kandi ndashima Imana yankijije ku buryo butangaje. Yesu abampere umugisha kuko mwambaye hafi ku buryo butangaje. » Yagize inzozi asengera umwigeme amasengesho yo kubohoka, kubera ukwizera kwiwe aca asanga niwe yabohowe na Yesu Kristo.


2. Uwa kabiri (C.N) ati: « Ndashima Ndiho koyankijije ukuguru. Ukuguru kwanfashe mercredi kukarya bukebuke mugabo ejo kurushirizaho kumbabaza kandi s’ubwambere imitego imfata muri uku kuguru ariko Imana igatabara. Ejo mwandungikiye audio bariko basengera umuntu arwaye ukuguru nanje ndapfukama mu cumba mfatukuguru nvuga nti Mana nanje unkize. Bageze ku mugoroba nkibabara. Wanashaka tsinagira ndaheza mbwira Imana nti ukuguru kurandembeje nawe acavugango imitego ya satani n’itsindwe mwizina rya Yesu . Ubu nunva ukuguru kwakize neza. Imana dusenga si bayari irunva . Imana ibahezagire »
Umwami wacu Yesu Kristo ahabwe amashimwe n’icubahiro kandi akomeze kwiyerekana mubo yatoranije, mw’Ihanga y’itoranirije ngo rimuheshe icubahiro mu Burundi no mu makungu.
Publicités