U Rwanda rwemeje ko Major Callixte Sankara, umuvugizi w’umutwe wa FLN, ari mu maboko yarwo

Umushikiranganji w’ububanyi n’amahanga w’u Rwanda, Dr Richard Sezibera, yatangaje ko Major Callixte Sankara, umuvugizi w’umutwe wa FLN urwanya ubutegetsi bw’u Rwanda, ari mu maboko y’iki gihugu. 

Major Sankara yakunze kumvikana avugira umutwe wa FLN, harimwo no kwigamba ibitero mu bice vyegereye ishamba rya Nyungwe.

Umushikiranganji Sezibera yavuze ko Major Sankara azoburanywa n’ubucamanza mu gihe ca vuba.

Muri iki kiganiro yagiranye n’abanyamakuru nyuma y’inama n’abahagarariye ibihugu vyabo mu Rwanda, Minisitiri Sezibera yanavuze ko u Rwanda rwasavye ibihugu by’amahanga gufata no kohereza mu Rwanda abakuru b’imitwe yitwaje ibigwanisho irwanya u Rwanda avuga ko bari mu bihugu vyabo.

Mu bo yavuze ko yasavye abahagarariye ibihugu vyabo mu Rwanda ko batabwa muri yombi, harimo Kayumba Nyamwasa, David Himbara na Charlotte Mukankusi, batavuga rumwe n’ubutegetsi bw’u Rwanda. 

Hari hashize indwi humvikana amakuru yuko Major Sankara yatawe muri yombi mu birwa vya Comores akajanwa mu Rwanda, nubwo umukuru w’ishyaka MRCD – ari ryo rifite umutwe w’inyeshyamba wa FLN – yari aherutse kumvikana ayahakana.

Publicités