Mugihe leta y’UBurundi yatanze kuri Leta y’Urwanda abagwanyi 7, izindi nyeshamba zateye Urwanda.

Uyu munsi mu masaha y’umuhingamo niho igipolisi c’Uburundi kiri kumwe n’abaserukira ICGLR/ EJVM, MONUSCO, SADEC , uwuserukira u Rwanda, u Burundi ,RDC , Africa Yepfo, Kenya na Centrafrique batanze bahereza leta y’Urwanda abagwanyi 7 b’umuhari FLN urongowe Teriteka Wilson na Général Ramadan. Abo bagwanyi bafatanywe inkoho 5 n’iradiyo 2, bakaba bafatiwe I Butundi hafi y’ikibira ca Nyungwe.

Ivyo bibaye mugihe umuvugizi w’uwo mutwe w’inyeshamba major Callixte Sankara yashikanywe mu gihugu c’Urwanda kuva aho afatiwe mu mazinga Comore.

Ivyo naho biri uko inyeshamba zuyu mutwe muri Gisovu Karonge ibintu birahononekarira kuko leta y’urwanda yarinze no gukoresha indege za kajugujugu kugira ngo zishobore gutabara abasirikare bazo.

Ivyo leta irongowe na Petero Nkurunziza yakoze bisiga ubwenge bw’abantu kanatsinda uravye imigenderanire iri hagati y’ivyo bihugu ugira uti uko uwo mutegetsi yatanguye niko azoheza.