Umutumiro w’amasengesho y’Imigwi yose mu gihugu no mu mahanga y’iyi ndwi.

UMUTUMIRO W’AMASENGESHO Y’IYI NDWI (6-12 RUSAMA 2019) KU MIGWI YOSE YAMASENGESHO

Hanga ry’Imana namwe mwese bakunzi mwese b’umusaraba, “Uhoraho Imana yabwiye abari ku bicaniro vyose mu gihugu no mu mahanga ngo tubabwire yuko igihe cageze co gusemerera no guhamagarira abantu bose kwihana, kwitunganya no guhinduka.”

Nkuko Uhoraho Imana yabidutegetse twama dufise amasengesho ya bose kabiri mu ndwi kuwa gatatu w’iyinga (Mercredi) na no kuwa gatandatu w’iyinga (Samedi). Uretse amasengesho adasanzwe abera ku bicaniro bitandukanye canke ivyumba vy’amasengesho twita kukarago, dusanganywe bitandukanye, ayabera mu migwi itandukanye y’ intara kama, ayabera mu migwi ya whatsapp nka (Dusabe Mpwemu) na Facebook, abari I Bulaya basanzwe basenga amasengesho yo kwitanga ku wa Mbere w’iyinga (Lundi), Aziya na Ostraliya basenga kuwa 2 w’iyinga (mardi), Afika ni kuwa kane w’iyinga (Jeudi), Canada na Amerika ni kuwa gatanu w’iyinga (Vendredi.)

Kira ndwi tuba dufise urufatiro rwayo, rugizwe n’ibisomwa vyo muri Bibiliya twahawe na Mpwemu Yera, tubadusifise kandi n’indirimbo zatoranije, n’ivyo Mpwemu Yera yahishuye kuri aba na bariya.

Tuba dufose kandi n’imitwaro itandukanye yo gusengera, iyo mwibanga niyo ku mugaragaro, tuba twahawe n’abantu kugiti cabo, imiryango, amashirahamwe n’amashengero atandukanye.

URUFATIRO: ( Yakobo 1:17-27)

INTAMBUKO ZITATU ZO GUHINDUKA

1. Utegerezwa kwitaho cane Ijambo ry’Imana, gusoma no kwumviriza.

A. kuzibura no gutega amatwi yawe (Luka 8:18)

B. Kwugara umunwa wawe (Imigani 17:27)

C. Kugira ubushobozi ku mutima no ku mpwemu yawe (Abigalatiya 4:16)

D. Gutunganya, kwuhagira no gukubura umutima wawe (1Petero 2:1)

2. Utegerezwa kugira Ijambo ry’Imana muri wewe, kwamana bibiliya.

A. Gusuzuma ivyo uvuga, ivyo ukora yuko bijanye n’Ijambo ry’Imana.

B. Gukurikiza Ijambo ry’Imana (Zaburi 139:23-24)

C. Kwiyumvira no kwama mw’Ijambo ry’Imana (Yosuwa 1:8)

(kurifata ku mutwe, kuryuzanga no kuryatura no kuribamwo).

3. Kubaho mw’Ijambo ry’Imana.

A. Gutegura neza no kwemera ukurongogwa n’Imana (Abaheburayo 4:12, Yakobo 1:23-24)

B. Kwakira amasezerano y’Imana (2Abikorinto 3:18)

C. Kubaho wemera guhindugwa n’Imana. (Yosuwa 1:8, Yeremiya 15:16, Zaburi 34:8)

Kirazira gukora ibikogwa vy’Imana (Kuvuga ubutumwa, kuririmba, …) utaravuka ubwakabi (Kwigana, gukizwa, kubatizwa no gusengegwa.)

Uragomba ubufasha bw’amasengesho?

Uragomba gusigurigwa inzozi?

Uragomba kubatizwa muri Yorodani?

Uragomba gufatanya n’abandi ibikogwa mw’Ihanga ry’Imana?

Twandikire kuri abisezerano@yahoo.com canke +257 61404181, +251940846357, +260956275165, +966556674316.

Umwami Yesu abahezagire!

Publicités