Hanga Ryera ry’Imana mwirinde uburyarya muharanire kugororoka

*UBUDASA HAGATI Y’UMUKRISTO W’UKURI N’INDYADYA. *
~UmuKristo w’ukuri ahamagarira abantu bose kugira urukundo, ukwihana, ugutungana akama asenga ngo amaraso ya Yesu Kristo amwoze amutunganye, kandi agasengera abandi. (Abayefeso 1:7)
~UmuKristo w’ukuri amenya yuko atagororotse kandi yuko atanabishoboye kubwo inkomezi zawe, maze akama yicisha bugufi ndetse akamenya yuko bagenzi biwe bamuruta akabubaha kandi akabashira imbere. (Abifilipi 2:3)
~Ariko indyadya yoyo yishira hejujuru, ikama icira abandi imanza, ndetse ikanabaremereza imitwaro y’ivyagezwe nayo itanashobora no gushirako urutoke. (Matayo 23:27-28)
~Indyadya, ivuga menshi, igatunga intoke bose ibagiriza ububi; mu mvugo n’ibikorwa vyayo igahakana ubushobozi buri mu maraso n’izina rya Yesu Kristo bwo gukiza no kwoza ivyaha vy’abantu. (2 Timoteyo 3:5)
~Indyadya zigisha urwanko, ibice, ishari n’igono muzozitere umugongo. (Abaroma 16: 17-18)
Mpwemu Yera abatahuze vyinshi.
*SANGIZA ABANDI UKU KURI*