Amashimwe k’Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo kubwo intahe zitandukanye

IHANGA RYERA RY’IMANA RIFISE AMASHIMWE MENSHI K’UHORAHO IMANA YACU KUBWO INTAHE N’IBITANGA BIKIREKA HIRYA NO HINO

Imana dusenga ni Imana yumva kandi yishura, ni Imana isezerana kandi igashitsa. Mu gihe abantu bariko barihana ku bwinshi bakabatizwa n’abakozi Imana yirobanuriye, intahe z’ibitangaza Umwami wacu Yesu Kristo akora mw’ihanga bidutuma gutanga amashimwe umwanya wose.

1. Mu gisagara ca Bujumbura mu Burundi, umupfasoni imbabyi yari yarakikamye maze abaganga bagategura ku mushirako imbugita atanze ibitagenda ngo bamukize n’ikibondo ciwe, Imana yarahinduriye ibihe kubera amasengesho y’abera yo muri komine Kanenge. Yabanje gukira infection urinaire hanyuma ikibondo ciwe kica kiratumbera none ubu yitegura kwibaruka neza nkuko impapuro nshasha z’abaganga zivyemeza. Tumufashe gushima Yesu Kristo.

2. Uwundi mukenyezi nawe ari mu gihugu ca Ethiopia i Adisabeba, kubera amasengesho y’abera yakize indwara ya hypertension yari yarananiranye, hanyuma nawe nyene imbanyi yari ifise ibibazo vyinshi umwana mu nda y’amezi 9 abaganga babuze ico bari bukore atari gutabara nyina gusa. Ahejeje gusengegwa ku murongo n’umukozi w’ihanga ry’Imana kwa muganga ibipimo vyaratangaje abaganga basanze yarakize n’umwana akomeye neza. Tumufashe gushima.

3. Uwundi mukenyezi wo mu gihugu ca Zambia i Lusaka nawe nyene Imana yamukijije umugongo yagomba arinde kuja kwivuriza mu bihugu vya bulaya. Ivya muniga vyarahagaze, yuzuzwa Mpwemu Yera aravugishwa, anakira indwara yarafise zose, ubu aradora. Nawe ngo tumufashe gukura ubwatsi.

4. Umushingantahe ari mu gihugu ca Uganda ati: “Ndakuramukije mw’izina risumba ayandi ry’Umucunguzi wacu Yesu Kristo. Birananiye kuryama ntagushingiye intahe ko Kristo yankijije vya bintu nakubwira vyandya mu kirenge mpagaze, gutambuka vyari bisigaye bingora cane ku buryo nari ntanguye kwibaza ko ngira mugare sinshobore kugenda. Haheze imisi ibiri ata bubabare na bukeyi mfise,ubu ndagira marche neza kandi hari haheze deux ans ntakigira marche kubera ububabare mu kirenge. Abibaza ko Kristo adakiza n’ukuri jewe ndagushingiye intahe ko vyakize, mbere na vya binyanya hasigaye duke cane rwose ndatwumvira kure cane.

Nuko rero nari naryamye ariko umutima wanyankiye kurara ntabishingiye intahe.

Ubane n’Ubuntu bwa Kristo kandi akomeze kuguha impano ndetse aguhundagazeko nimihezagiro.” Amen! Tumufashe gushimira Imana cane nawe nyene.

5. Umukenyezi ari i Gitega mu Burundi yakize umugende w’amaraso yari yaramubayeko ubwoma. Yari yarasinzikaye, nta mahoro yafise. Yaguma yumva ubuzima buriko buramuheramwo ku munsi ku munsi hanyuma kubera ukwizera n’amasengesho yo kubicaniro bitandukanye vy’Ihanga ry’Imana, ubu yarakize akamwemwe karamusya ati ni ukuri musenga Imana nya Mana. Tumufashe nawe gutazira Imana.

6. Uwundi ari aho mu ntara ya Gitega nyene umwana wiwe yaremvye cane kadi ashushe. Nkuko uuvyeyi wiwe avyivugira, yarageze ku mpiro. Kubera amasengesho aca kuri Radio Isezerano Internationale, amasengesho akoregwa ku bicaniro bitandukanye umwana wiwe yakize mu masaha atarenze 24.  Arashima cane kandi nawe yasavye ngo tumufashe gukenguruka.

*Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo akomeze kwamamara!*

-Uragomba ubufasha bw’amasengesho?

-Uragomba gusengerwa ngo wuzuzwe Mpwemu Yera?

-Uragomba gusigurigwa inzozi?

-Uragomba kubatizwa muri Yorodani?

-Uragomba gufatanya n’abandi ibikogwa mw’Ihanga Ryera ry’Imana?

Twandikire kuri abisezerano@yahoo.com canke +257 61404181, +251940846357, +260956275165, +966556674316.

Yesu abahezagire!

Publicités

Répondre

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s