Abantu batandatu bahitanywe n’ibihomoka muri Uganda

Abantu batandatu bapfuye abandi cumi barakomereka bahitanywe n’ibihomoka mu karere ka Bududa muri Uganda mw’ijoro ry’ejo ku wa kabiri buca ari ku wa gatatu. 

Ico gitigiri gishobora kwiyongera kuko abantu babandanya barondera ababo babuzwe irengero. 

Umunyamakuru wa BBC akorera muri ico gihugu, Dear Jeanne, amenyesha ko ivyo bihomoka vyabereye ku mitumba ya Butebulo na Bunamwamba mu gace ka Buwali hafi isaha indwi z’ijoro, inyuma y’imvura yari imaze iminsi itatu.

Abategetsi bo muri ako karere bavuga ko abantu baharurwa mu majana bataye izabo bahungira mu masengero no mu misigiti, abandi nabo bakaba batse indaro mu babanyi. 

Isi nayo yatse umugaga ku burebure bw’ikirometero kuri umwe muri iyo mitumba. 

Abajejwe ubutabazi bamaze gushika aho iryo bara ryabereye kugira bihweze ivyahononekariye. 

Umukuru w’akarere ka Bududa, Wilson Watila, avuga ko isi ishobora kubandanya yaka imigaga gushika ku musozi wa Elgon mu gihe iyo mvura yobandanya , ivyotuma imitumba itari mike ishobora guterwa n’ibihomoka.

Ubutegetsi buvuga ko abantu barenga ibihumbi ijana baba muri ako karere bakeneye kwimurirwa ahandi. 

Hari haciye imyaka icenda Bududa itewe n’ibihomoka bikomeye vyahitanye abantu barenga 300. Mu mwaka uheze, ikindi gihomoka cahitanye abantu 40. 

Mu kwezi kwa gatanu guheze, leta ya Uganda niho yatangura kwimura abarokotse muri ico gihomoka c’umwaka uheze.

Ariko ifise ikibazo c’ukubura amahera, be n’abanyagihugu batabona ryiza uwo mugambi kubera badashaka kuvirira amatongo barazwe n’abassekuru.