Amashimwe kubwo amasinzi y’abantu benshi bitabirire akamo ko kubatizwa muri Yorodani

AMASHIMWE K’UHORAHO IMANA YACU KUBWO ABABATIZWA MW’IHANGA RY’IMANA
Ihanga Ryera ry’Imana rifise umunezero ntangere wo gushima no kwigina Umwami wacu Yesu Kristo kubwo amasinzi y’abahungu n’abakobwa, abagabo n’abagore, abatama n’abatamakazi bitabiriye akamo ko gushitsa ukugororoka kwose mu kubatizwa muri Yorodani. Matayo 3:15Bakozi mwahamagawe n’Uhoraho Imana, ni mukomeze muvuge ubutumwa, muhindure kandi mubatize amahanga kuko tugire twambuke. Matayo 28:19Umwami Yesu abahezagire.abisezerano.com