Abatumiriwe amasengesho yo kwitanga n’ababatizwa muri Yorodani

ABATUMIRIWE KWITABA AMASENGESHO YO KWISONZESHA AZOMARA INDWI KUVA KURI 07 GUSHIKA KURI 13 Z’UKWEZI KW’INDWI 2019
Nkuko Umwami wacu Yesu Kristo yavuze ati : “ Abakomeye ntaco bagombera umvuzi,” Matayo 9:12; kuko ataje guhamagara abagororotsi mugabo abanyavyaha, Ihanga ry’Imana ritumitiye ayo masengesho abarundi bose kuva ku baganza gushika ku baganzwa, Abarundi bose abari mu gihugu n’abari mu mahanga. – Abantu bose bari mu madini yose abarongozi n’abo barongoye mu bari mugihugu cacu c’Uburundi n’abari mu mahanga.-Amashengero y’abakristo n’aba kristo bose aho bari hose mu gihugu no mu mahanga.-Abari mu nzego z’igihugu n’abatazirimwo, abakuru n’abato. Abashigikiye ubutegetsi Buhari ubu n’abatabushikigiye.- Abashingamateka, abakenguzamateka, abashikiranganji, abasirikare n’abapolisi, abaganga, abacamanza n’abegwa nivyo ubutunzi bose.-Abigisha n’abanyeshure b’amashure mato, ayisumbuye, ayimyuga na kaminuza bose.- Abarimyi, abadandaza, abikorera utwabo n’abatagira akazi bose.-Abana n’Uburundi bose bari mu makambi y’impunzi, abayerera mu mashamba n’abahungiye mu bisangara biri mu bihugu bitandukanye.Abo bose ntibahamagariwe ukwizera gusa kuko ukwizera kutagira ibikogwa kuba gupfuye (Yakobo 2:14-26) mugabo bahamagariwe no kwitegurira urwo rugendo mu gushitsa ukugororoka kwose kugira ngo ugendane n’Uhoraho Imana. Ihanga ry’Imana ryirigwa rirabatiza mu mazi menshi abari bwa batizwe hakurikijwe ijambo uko ryanditswe.Uragomba ubufasha bw’amasengesho?Uragomba gusigurigwa inzozi?Uragomba kubatizwa muri Yorodani?Uragomba gufatanya n’abandi ibikogwa mw’Ihanga ry’Imana?Twandikire kuri abisezerano@yahoo.com canke +257 61404181, +251940846357