Urutonde rwa’amasengesho yo kwitanga azomara indwi kuva 7/7 gushika kuri 13/7/2019

URUTONDE RW’AMASENGESHO Y’IHANGA RY’IMANA YO KWITANGA AZOMARA 7 KUVA KUWA 7/7 MU GITONDO GUSHIKA KUWA 13/7 KU MUTAGA 2019.

A-Abahawe kutagira ikintu na kimwe bafungura canke ngo banywe muri iyo minsi yose bariyizi. Hashobora kwiyongerako uwundi wese abihawe n’Imana.

B- Abasigaye bose babishoboye bazohora barafata ubuyi canke salade n’amatunda banywa amazi canke umutobe kira munsi mwijoro gusa gushika iyo minsi indwi ihere, nta mfungugwa zikomeye.

C- Abakozi bakora ibikogwa vy’inguvu n’abandi bose bagomba kw’imenyereza kwegera Imana bazohora bafungura bisanzwe rimwe gusa izuba rirenze mugabo birigwa mu mafungo.

D- Abavyeyi bonsa n’abagwayi bazohora bafungura izuba rirenze sa kumi na zibiri mugabo kumurango bazoshobora kunywa amazi, ubuyi canke umutobe w’amatunda, gushika amafungo ahere.

1.- Umunsi wa mbere (Dimanche kuwa 7/7/2019) kuva mugaturuturu ni umunsi wo kwihana ivyaha n’akaha, kwiyeza no kwitunganya, gusaba imbabazi, kwaturanira, kwitatura n’Imana n’abantu. Ukwihererana n’Imana ukayiririra ngo igurabare ikweze (Abalewi 11-44, Matayo5:48, Abaroma6:6, Ivyakozwe n’Intumwa 26:18)

2. – Umunsi ugira kabiri (Lundi kuwa 8/7/2019) ni umunsi wo kubaza Imana ibango ryawe n’intumbero ifise ku buzima bwawe kugira ngo ugendere mu muco. Ni igihe co kwiga no gusenga ngo umenye iyo uriko uragana, kumenya kuvangura ivyawe n’ibitari ivyawe, kuvangura ibibi n’ivyiza, kuvangura ibinyoma n’ukuri, kwitandukanya n’ubuzimire. (Zaburi 57:2, Abaroma 8:28, Yesaya 53:10, 1Petero 1:2, 1 Abikorinto 12:12-27, Abayefeso 4:11-16)

3.- Umunsi ugira gatatu (Mardi kuwa 9/7/2019) ni umunsi wo gutanga umubiri wawe, umutima wawe n’ivyawe kw’ ikimazi c’ishimwe kuUhoraho Imana yawe. Ni igihe co gutanga ishikanwa (Gufasha aboro, abarwaye, impfuvyi n’abari mu bibazo)  gusezeranira  Imana kuyikorera no kutayihemukira, kugira umugambi w’ingene uzoyikorera no kwitangira abandi. (Imigani 21:3, Matayo 9:13, Tito 2: 14, 1 Timoteyo 6:10, Ivyakozwe n’Intumwa 20:35, Imigani 22:7)

4.- Umunsi ugira kane (Mercredi10/7/2019) ni umunsi wo gusengera abarundi bose n’igihugu c’Uburundi (-Amasezerano ku gihugu, -Mpwemu w’ukuri mu gihugu, -Gutuza impwemu y’ubusambanyi bw’umubiri n’impwemu; -Kwirukana ubukene, inzara n’indwara; -Impunzi zisubire muzabo…). Uzesenga wereka Uhoraho Imana imitwaro yawe yose no gusengera imitwaro y’abandi (Abakobwa n’abahungu baronke abo bubakana, abashaka uruvyaro baronke abana, imiryango itumvikana isubirane,…). (2 Ingoma 7:14, Gusubiramuvyagezwe 28:10, Daniyeli 9:18-19, Matayo 7:7, Yakobo5:16, Zaburi 121:1-2, Matayo 17:20, Mariko 11:23, Yesaya 52:7, Zaburi 90:2)

5.- Umunsi ugira gatanu (Jeudi 11/7/2019) ni umunsi wo gusengera muri Mpwemu canke kuvuga mu ndimi. Abatarabatizwa muri Mpwemu Yera ni igihe co kuvugishwa mu ndimi. ni umunsi wo kubohoka kubitwizingirako vyose (ivyaha vyose, imivumo, imikoshi, indwara, ubumuga, ubukene, urwanko, ishavu, ubwoba, ibinyoma…) (1 Abikorinto14:14-15, Yohana 4:24, Yuda 1:20, Abayefeso 6:18, Abaroma 8:26-27Abifilipi 4:6-7, 1 Yohana 5:14, Mariko 11:22-25, Matayo 6:6-8, 18:19-20)

6.- Umunsi ugira gatandatu (Vendredi 12/7/2019) ni umunsi wo kwiga no gushira mu ngiro ukwatura ivyiza n’amasezerano yawe, ivyiza ku muryango wawe, ivyiza ku babanyi no kugihugu cawe. (Mariko 11:10-14 na 22-25, Imigani 21:23, Matayo 12:36, Malaki 3:13, Amos 3:3, Ezira 8:23, Yobu 22:27-28, Abayefeso 4:29, Imigani 6:2, 2Abikorinto 4:13)

7.- Umunsi ugira indwi (Samedi 13/7/2019 gushika sa sita ku murango) ni umunsi w’intsinzi, amashimwe, gutazira no kunezerererwa Imana yacu dushira hejuru Umwami wacu Yesu Kristo. Umunsi w’intibagiranwa. (1Yohana 5:4, Gusubiramuvyagezwe 20:4, 1Abikorinto 10:13, Yohana 16:3, Abayefeso 6:13, Yakobo 1:2-10, Zaburi 3:8, Imigani 21:31/ Zaburi 145:6-8, 147:1, Abifilipi 4:4…)

Umwami wacu Yesu Kristo adushoboze twese!

www.abisezerano.com 0�0U

Publicités