Ihanga ry’Imana riratanguye amasengesho yo kwisonzesha azomara indwi. Kuva 7/7 gushika 13/7-2019.

Uyu munsi ni igenekerezo rya 7 ukwezi kw’indwi umwaka wi 2019. Ihanga ry’Imana ryose , abari mu gihugu n’abari mu mahanga, impunzi iyo ziri hose, abanyagihugu bo mu ntara zose zigize igihugu cacu c’Uburundi, abasirikare n’abapolisi, abakuru n’abato, abashingamateka, abakenguzamatekaka, abakozi ba leta batandukanye, amashengero ari mu gihugu n’abari hanze; mwibanga ntangere bifatanije n’ibicaniro 40 vy’Ihanga ry’Imana mu masengesho yo kwisonzesha, ukwitanga kwakataraboneka aho abantu baheba kurya no kunywa iminsi indwi yose kugira ngo baririre Uhoraho Imana. Intumbero yayo masengesho ni ukwihana no gusengera igihugu c’Uburundi n’Abarundi.

Publicités