
IHANGA RY’IMANA RYARUNGITSE ABASENZI N’ABAVUGABUTUMWA BATANDUKANYE KUMA RADIO N’AMATELEVISION YO MU GIHUGU NO MU MAKUNGU.
Mugihe Imana yo nyene yihagurukije Ihanga ryayo ryitwa « Ihanga ry’Imana » satani nawe murazi yuko ari umumenja, yahagurukije ibihuna, inziya n’inyamanza vyikurikiza ihanga. Uko Ihanga rirenga nivyo birenguka bikiyita ihanga ry’aba (T) ngo tutsim abandI ngo theocrate n’abandi biyitirira ubundi bwoko ngo n’inganji y’Imana. Satani ni umubisha, ivyo binyoni vyishushanya bisubiramwo ikintu cose ihanga ry’Imana rikoze uko Uhoraho abingenye. Ibimenyetso biriranga, inyigisho z’ubutumwa bwiza none ubu vyiganye amasengesho! Aho Ihanga ry’Imana ryamaze indwi ridafungura kandi ritanywa riri imbere y’Imana risenga gusa, ngabo b’abanyamahanga b’intakebwa biganye abatoranijwe ngo bazoca bamara iminsi 10 banywa barya bikinze umwiza. Utwo bikoza twose ntibashobora kwigana ibitangaza Imana ikora mukwiyerekana yuko irikumwe n’ubwoko bwayo mu gukiza abagwayi, gushikana ku gagika abapfumu, abaronzi n’abayamareba gushika aho bazana ubukorikori bwabo ngo buturigwe. Ico badashobora kwigana kandi ni ukurungika abakozi b’Imana batandukanye, abavugabutumwa n’abasenzi ku maradio n’amatelevisions atandukanye yo mu gihugu no mumahanga nkuko mu bibona kuri iyo foto kuko ni igikogwa Uhoraho Imana we nyene ashobora kwikorera.Imana dusenga iri hejuru y’amadini, hejuru y’imigambwe n’imihari kandi irabana iseseme iyo migwi y’inziya, ibihuna n’inyamanza yigana Ihanga ryayo, ikarirenza urwamo kugira ngo ikunde izimize benshi. Mwirinde abantu bishushanya n’intwaro za politike z’iki gihe (Democratie-Theocratie) bagasukiranya ivyamoko n’ivy’Imana ( Tutsi-Hutu n’inganji) ivyo vyose ni satani agomba kuyovya mwebwe mwese ivyaremwe. Uhoraho Imana agize ati: » SI KUBERA UDAKUNDA UMUNTU BIZOBUZA IMANA KUMUHEZAGIRA KANDI SI KUBWO KUMWIGANA NO KUMUVUGA NABI BIZOBUZA IMANA KUMUSHITSAKO ICO YAMUSEZERANIYE » Ayo majambo Uhoraho ayabwiye intumva n’intahaha zose ziguma zigana Ihanga ry’Imana zikadebagura ibitagira mvura kandi imana igiye kubakorera ivyo yakoreye I Babeli (KUVAYO 11:9) kugira ngo abantu bose bamenye yuko mwamenje, kandi igiye no kubakorera ivyo yagiriye Kora, Datamu na Biramu (GUHARURA 16: 23-35) kugira ngo yubahishe Ihanga yitoranirije.Niba ukunda umutima n’umubiri wawe itandukanye na MUHIMPUNDU Lambert yiyita Muyimpundu Yoshuwa yiyimika kandi akandika amateshwa yiyise ngo ni Umwami w’Uburundi hanyuma akihindura ngo ni umwami w’ingoma ya Dawidi I Burundi n’ayandi mafuti yo guhenda abana kuko agomba gusuka abana ku risongoye. Hari n’abandi bagenda barahindagura amazina yabo babeshejweho no kubesha bibeshera kugira ngo bishire bejuru bambika uyu n’uriya iceyi. Muribo harimwo Florient NTIMPIRANGEZA , Felix BIBONIMANA n’utundi duhungu twananiwe n’ubuzima. Abo Imana yatoranije ntibishira hejuru canke ngo bagende baravuga utujambo jambo kuko batwaye amabanga y’Imana, Irabakoresha bakayiyoboka maze abantu bose bakabona ibikogwa vyabo bigatuma bemera Imana, ntibarondere kweegwa n’abantu. Imana iri hejuru mwijururu kandi irabona ivyo indyadya ababeshi n’abangushi bigira kandi igiye kubagaragaza mwese mubibonere.Umwami wacu Yesu Kristo abatahuze amabanga yinyegeje mu bihuna, inziya n’ibihuna vyikurikiza Ihanga ry’Imana biritukira.