Umutumiro w’amasengesho y’Ihanga ry’Imana.

UMUTUMIRO W’AMASENGESHO Y’IHANGA RY’IMANA.

Mwese muratumiriwe amasengesho yo kurangiza ukwezi kw’7 no gutangura ukwezi kw’8

URUFATIRO NI:

-Umwe wese yihane, atunganywe kandi yezwe kugira ngo aronke uburinzi buva mw’ijuru yongere abe n’igikoresho c’iteka.

– Semerere mubwire imiryango yanyu, incuti n’abagenzi bihane bahinduke kuko Umwami araje guhana no guhemba.

INYIGISHO

1. Inzira 4 zo kwihanga no gushikama mu bihe bigoye vy’ibiheragezo (Yakobo 5:7-12):

– Guhagarara mu nkomezi no kurema mu bihe vy’amagume, bikomeye.

– Guhagarika kwidodomba kugira ngo ntimutsindwe n’urubanza.

– Kwihangana mu bihe bigoye atagucira imanza abandi umenya yuko dufise Imana y’imbabazi.

– Kuvuga ukuri no mugihe benshi bakugwanya.

2. Ibituma 6 wokwihangana:

– Kutemeranya n’ab’isi

– Gukura mu kwizera no mu Mpwemu

– Imana ihakwigishiriza vyinshi

– Imana irahaguhingurira

– Imana iharonkera icubahiro

– Ubera abandi icitegererezo

IVYO MPWEMU AHISHURA

1. Hariho abantu benshi biremesha ngo barakijijwe kandi batahindutse. Mbere no kuvuga ubutumwa bagasigura. Batumwe gusubira kuraba ingesho zabo.

2. Hariho abiremesha ngo bari mw’Ihanga ry’Imana kandi ukugiru kumwe kuri muvyo politike y’amacakubiri n’ibindi bisamaza. Imana ibashaka n’umutima wabo wose, n’ubwenge bwabo bwose n’ivyo batunze.

IMITWARO YO GUSENGERA

1. Musengere kandi muyoboke abo Imana yabashize imbere ngo babarongore.

2. Musengere abasubiye inyuma, abagwayi, abashonje, abapfunzwe, impunzi , abana bo mw’ibarabara, abamugaye, abageze muzabukuri, impfuvyi n’abapfakazi.

* Uhoraho Imana akomeze kuzigama no kugirira neza umuntu wese aho ari*

http://www.abisezerano.com