Dr Levi Rukundo yasohoye igitabo kigira kabiri canditse mu rurimi rw’Ikirundi, kikaba n’igitabo kigira icenda asohoye.
“URUGENDO RUGANA UBURUNDI BW’IISEZERANO” ni igitabo c’impapuro 230 kirimwo incamake y’amakuba Abarundi bagiye barabona imyaka n’iyindi, kirimwo kandi n’inzira idasanzwe yuzuyemwo ivyizigiro vyo kuyasohokamwo akibagiranwa.
Ni igitabo kiza cunganira “ABARUNDI, IHANGA RYATORANIJWE N’IMANA” kigaca kibamwo ubutumwa bw’abemera n’abatemera.
Muri ibi bihe Uhoraho Imana yatumye abantu gusemerera babwira abaremwe bose ngo bihane, bitunganye kuko hari ico Imana igomba gukora kugira ngo atabare Ihanga ry’Abarundi. Iki gitabo kirimwo ibimenyetso vy’ibihe n’ico umuntu wese yokora kugira ngo atone ku Mana kandi yubake igihugu ciwe.
Kera abaKristo babita abanyabitabo kuko barangwa no gusoma imizingo y’ibitabo bakamenya Ijambo ry’Umwami Mana n’ayandi makuru ahambaye
N’ubu abaKristo nkabandi bose barakwiriye kugarukira uyo muco n’umugenzo vyiwiza. Iki gitabo kizofasha abategetsi b’igihugu bose, abajejwe umutekano abakuru n’abato eka n’umunyagihugu wese yaba uwuri mu gihugu canke mu mahanga. Hamwe wokironka vyoba vyiza.
Umwami Yesu abazigame mwese!.