Imburi kw’Ihanga ry’abarundi abari mu gihugu n’abari mu mahanga

IMBURI KU BAREMWE BOSE IHAMAGARIRA UMUNTU WESE KWIHANA KWIYEZA NO GUTUNGANYA INGESO ZIWE NKUKO UHORAHO YABITUGEZE (YOSHUWA 7:13) ��

Ihanga Ryera ry’Umwami Mana rirabandanya guhamagarira amasinzi y’Abarundi n’abanyamahanga kwihana, kwiyeza no gutunganya ingeso zabo nkuko Uhoraho Imana yabitegetse. “Yoshuwa abarira abantu, ati ni mwiyeze, kuko ejo Uhoraho azokora ibitangaza muri mwebwe” Yosuwa 3:5.

– Hariho abiziba amatwi ngo ntibibaraba ngo ni ivyo abakizwa, abatize canke abakene maze ntibitabe aka kamo kavuye mw’Ijururu bakibaza yuko ari ikihuha, ariko vyama kandi bidashoboka.

– Hariho n’abandi bumva ako kamo kagaca mu gutwi kahahinguka mu kundi ngo kuko batabibwiriwe mw’idini iwabo canke mu migwi yabo, ukamengo akenge kabo karazahuka. Bibagira yuko Imana iri hejuru ya vyose.

– Hariho n’abandi badatahura ubu butumwa bw’ijuru bagahuruduka kubera inyigisho z’ibinyoma ngo ahubwo abantu ni birohe mu vyagezwe ngo niyo nzira y’ubukiriro. Yesu wenyene niwe nzira ukuri n’ubugingo (Yohana 14:6)

– Hariho kandi n’intumwa za satani, ba mpema yuzuye, aho kubabazwa n’abahona ngo bazane benshi ku gakiza, ahubwo bakwegera impumyi mu marara y’ubutware bakiyimika kandi bakagabangana ivyicaro biri mu ndoto zabo ngo nabo bararonse ingoma yo kununuza. Turabatera akamo ngo bareke kwiroha muri Tanganyika bayita ikiziba kuko hazambuka uriko ikimenyetso gusa. (1 Samuel 12:16)

Ihanga Ryera ry’Umwami Mana riteye akamo Abarundi bose abari mu gihugu n’abari mu makungu ngo bihane, bezwe kandi bitunganye kugira ngo  basenge mu kuri no mu Mpwemu iminsi yose kugira ngo Imana ikize igihugu cacu n’Abarundi bose. Icobo satani yari yimbiye amasinzi y’abantu Imana yarakizibiye kubwo amasengesho y’abera. Mugabo naho biri uko, hariho abagiye gutaha batabonye ivyo Uhoraho Imana yasezeranye:

1. Bamwe kubera ubugarariji bwabo nkiyo migwi ine duhejeje kuvuga aho haruguru n’abanka kwihana.

2. Abandi kubera igihe cabo cageze co gutaha no kujakuruhuka imiruho y’iy’isi. Harageze yuko umwe wese yokwinginga Uhoraho Imana.

Ihanga Ryera ry’Umwami Imana ryatumye abavugabutumwa batandukanye, abasenzi n’abaririmvyi hirya no hino mu gihugu no mu mahanga kuja kuburira abaremwe bose, abakuru n’abato, abaganza n’abaganzwa. Batwaye iyi mburi mu madini, amashengero , imigwi, imiryango no ku bantu ku giti cabo. Namwe aho muri mwongorere abagenzi, incuti n’imiryango uti bihane , biyeze kandi batunganye ingeso zabo kuko hari ico Uhoraho Yehovah Yire agira abakorere. Kandi Uhoraho Imana yacu akomeza guhishurira iryo banga abamwambaza bose.

Harageze yuko jewe nawe duhinduka tugacika inyegu bwite z’Imana kugira ngo turonke uburinzi no gushitswa kw’amasezerano ku gihugu no ku giti cawe. N’uko Umwami wacu Yesu Kristo abane n’umwumwe wese kandi amuhe gutahura iri banga.

http://www.abisezerano.com able 2 Accent 5