Umutumiro w’amasengesho y’iyi ndwi wo ku bicaniro vyose.

1. Uhoraho Imana amaze iminsi atubwira gusemerera kugira ngo abantu bihane, biyeze kandi batunganye ingeso zabo. Ico gikogwa ni urufatiro rw’amasengesho.
2. Ivyavuye ku musozi w’amasengesho tuzokwishimikiza mu masengesho ni muri Ezekiyeli 36: 16- 38
3. Dufise kandi n’imitwaro itandukanye yo gusengera, iyo mwibanga niyo ku mugaragaro, twahawe n’abantu ku giti cabo, imiryango, amashirahamwe n’amashengero atandukanye.
URUFATIRO RW’IYI NDWI
-Abifilipi 2:8-11
– Abaroma 8:1-13
INDIRIMBO
-215, 98, 27
IVYO MPWEMU AHISHURA
– Abantu bamwe bagerageza kugabanya ubushobozi buri « mw’izina rya Yesu Kristo  kubwo utujambo twabatagira ihishurigwa« abandi satani akabahuma amaso yuko muri Yesu Kristo ariho hari ubukiriro bw’umutu wese.
Ariko weho ntihagire ikindi kintu ushira imbere ya Yesu Kristo vyaba ivyagezwe canke izindi nyigisho kuko Yesu Kristo ariwe shusho y’Imana itaboneka ( Abikolosayi
– Harabo satani yibagije mu kubakubagura yuko muri abami n’abahereji, yuko muri ihanga ryatoranijwe. Ariko mweho muvyature, mu bishingire intahe kandi mutangure kubigendera aho uri hose. ( Ivyahishuriwe Yohani 1:6) mureke ku mera gusa  nk’imburabwenge ziyitirira umugambi w’Imana mukwishushanya
IMITWARO
– Ukwezwa, gutunganywa no kuvugutigwa kw’ubwoko bw’Imana bwose guhera ku bakozi b’Imana ( abavugabutumwa, abasenzi, abaririmvyi n’abakozi b’itangira ibikogwa vy’Imana n’abaKristo bose)
– Tuzosengera abagwaye, abapfunzwe, impunzi, abakenye n’abashonje, abari mu mutekano muke, ingorane ziri mu ngo n’imiryango, abagendana ubumuga, abana bo mw’ibarabara n’abageze muza bukuru.
– Ku buryo budasanzwe, tuzosengera impwemu mbi y’amacakubiri yiziziye igihugu cacu. Amacakubiri ahagaze ku moko, amacakubiri ahagaze ku migambwe, ku madini, ku ntara n’ivyiyumviro bibi vyose vyankanisha abantu.
KWEGERANYA IMITWARO
– Mugukorera Imana umwe wese yakire imitwaro itandukanye tuzoyisengera, abo tuzoshikako tuzobashikeko, tubagendere kandi n’abakeneye impanuro bazihabwe.
– Imana iravugana n’abantu benshi mu nzozi n’inyereko mugabo benshi ntibabisonukigwa. Mubaze abantu indoto zabo muzibasobanurire, izo mudashoboye tuzishire imbere y’Imana.
Umwami wacu Yesu Kristo abazigamire mu buntu bwiwe!
Publicités

Répondre

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s