Ikiganiro Radio Isezerano Internationale yagiraniye n’umukambwe muvyo amasezerano ku gihugu c’Uburundi

IKIGANIRO RADIO ISEZERANO YAGIRANIYE N’UMUKAMBWE MUVYEREKEYE AMASEZERANO KU BURUNDI TWATAZIRIYE T.N. NA RADIO ISEZERANO DUTAZIRA R.I. http://www.abisezerano.com

RI- mutama T.N. Turakuramukije mw’Izina rya Yesu Kristo, Shalom! Hariho abantu bumva tuvuga ijambo isezerano ku Burundi, tukanavuga Ihanga Ryera ry’Imana nabo bagapfa kuvyigana mbere bakabisukiranya n’utundi tujambo bigeneye, mwobabwira iki?

TN -Ingorane z’abiyitirira isezerano batazi neza, bakaba bifitiye intumbero zabo n’ukutamenya imburi zagiye ziratangwa uhereye mu mwaka 1935 kugeza ubu, kandi izo mburi zagiye zirasubirwamwo n’Uhoraho Imana mu myaka itandukanye imbere yo kwikukira, inyuma y’ukwikukira kw’igenekerezo rya 1 Mukakaro 1972 n’inyuma y’uguhunga kwacu mu mwaka 1972.

RI -Izo mburi zavuzwe na bande ko urunganwe rw’uyu munsi iyo uvuze ubuhanuzi canke imburi baca babona umunyekongo yitwa BEBA n’abanyarwanda Esther MUREBWAYIRE na Damasceni GAKWAYA gusa?

TN-Iciza n’uko abo Imana yakoresheje bamwe n’Abarundi bava mu ntara zitandukanye kandi batazinanyi kugeza uyu musi hamwe n’abakozi b’Imana bo mu bihugu bihanye imbibe n’Uburundi na bo nyene batazinanyi kugeza uyu musi hamwe n’abakozi b’Imana bo mu bihugu vya kure nka Amerika (USA), Ubwongereza (U.K) na Israeli na bo nyene batazinanyi.

RI – Kubera iki abantu bokwizera izo mburi bakazishirako umutima?

TN- Abo bose Imana yakoresheje b’Abarundi batahunze n’abahunze bava mu ntara zitandukanye hamwe n’Abakozi b’Imana bo mu bihugu bihanye imbibe n’Uburundi n’Abakozi b’Imana bava mu bihugu vya kure nka Amerika, Ubwongereza na Israeli, imburi zabo ntizita kubiri, bose barahuza cane na nico gituma twizera imburi zabo ko zavuye ku Mana Nzima igiye kuzishitsa.

RI. Hariho abumva tuvuga ivyiza biri mw’isezerano, bakumva tuvuga yuko turi Ihanga Ryera ry’Imana, baga biyamamura bakidigadiga ngo barahinduye izina ry’igihugu c’Uburundi, ngo bashizeho amazina mashasha y’intara z’igihugu, n’utundi dukorikori harimwo n’ubushirasoni bwo kwiyimika. Mwobahanura iki?

T.N- Imana iza yararahiye ko izohigura n’uwo wese azokwiyimika canke azokwimikwa n’abandi bantu ngo ni we akwiye gutwara Uburundi. Kugeza ubu hari abantu batanu bamaze gupfa bahowe ukwiyita Prezida w’Uburundi n’abandi bagiye gukurikira vuba cane.

RI – Mu kurangiza ni igiki mwoshikiriza umurundi wese akunda igihugu ciwe?

TN-Mu gusozera, ico Imana ishaka n’uko uwo wese yizera isezerano nyakuri asenga cane kugira ngo izane umuvyuro mu Barundi bose bari mu gihugu no mu bindi bihugu bahungiyemwo, vyaba ivyo muri Afrika, i Bulaya, Canada, Amerika, Australia n’ibindi bihugu vyo kw’isi. Imana ishaka abantu basha, bera bazoba ihanga risha yageze kuzoba umuco w’isi yose kugeza Umwami Yesu aje kujana Ishengero ryiwe mw’ijuru.

RI- Amen, Radio Isezerano Internationae, Iradiyo y’Ihanga Ryera ry’Imana irabashimiye!

Publicités