Kubandanya ibikogwa vyo gusemerera mu mabohero, mu makambi y’impunzi, mu gihugu hagati no mu mahanga ngo abantu bihane

SEMERERE BIHANE, BABATIZWE KANDI MURAMURE INTUMWA ZA YESU KRISTO

Nkuko umutumiro w’amasengesho w’iy’indwi tugira turangize waduhamagarira gusemerera kugira ngo abaremwe bose bihane kuko hari ico Uhoraho Imana igira yikorere mu bugingo bw’umwumwe wese no mu gihugu cacu, abana b’Imana bakomeje gukora umurimo wa Data mu mabohero, mu nkambi z’impunzi, mu gihugu no mu mahanga.
Abatatuzi batwita ngo turi umuhari ariko abatubonye batwita Ihengero rya Yesu Kristo-Ihanga Ryera ry’Imana. Tuguma dusemerera guhera hagati yacu muri twebwe, ntitube ikivange, abantu bose bezwe bahindukirire Imana kugira ngo tube Ihanga Ryera koko. Muntu wikurikiza Ihanga, muntu wishushanya, muntu winyegeza utaratahura neza umugambi w’Imana, ihane, witunganye wezwe maze dufadikanye urugendo rugana Uburundi bw’ISEZERANO n’urugendo rugana Yerusalemu yo MW’IJURU..
Hariho abantu benshi bavuga ngo Imana yababariye kandi ataco yababwiye ari ivyiyumviro vyabo. Bamwe bisuka muri politike bagasigura ngo IMBURI: imana ishaka ibi na biriya, abandi bagatwagwa n’ivyipfuzo vyabo bakigira intumwa, abigisha, abavugishwa n’abatoranijwe mbere hari n’abihagira ubwami bw’iy’isi, bakiyimika. Ivyo vyose ntibibasamaze, mwumvirize munegure kandi mutere umugongo ibintazi n’ibizira. Imana ikorera mw’IBANGA, IYO IVUZE NAHO IRARINDA ICO ISEZERANYE KANDI IKAGISHITSA. Reke gusamazwa n’inkinamico, utujambo n’ibihuha. Imana ibonekera mu bikogwa, mu kuvuga ubutumwa gukiza benshi ku kabazana ku gakiza, mu kubatiza abantu bakavavanura n’akabi, mu gukiza abagwaye n’ibindi bikogwa bitangaje bituma abantu bamenya yuko Uhoraho Imana atari ivyiyumviro canke amajambo mugabo yuko ari uwutanga bugingo n’umukiza. Si INKOTA kandi si UMWICANYI nkuko bavyigisha kandi bavyiteze. Ni UMUNYEMBABAZI, UMUNYAKIGONGWE n’UMUKIZA kandi igiye gutabara no gukingira UBURUNDI. Hariho abamye bapfa kandi n’ubu bazopfa kuko ni igihuhusi co mwisi kandi ni inzira mu kintu uja mu kindi. Igihe Yesu azozira guca amateka, gutyo abanyavyaha bose bazohona abagororotsi baduganwe mw’ijuru. Muri iki gihe tukiri mw’isi umuntu wese ni yiyeze, yezwe kandi atunganye ubugingo bwiwe kugira ngo abeho kandi neza.
Muri aya masengesho y’iyi ndwi twahamagariwe kandi kubatiza amahanga no kuramura intumwa za Yesu Kristo, ico gikogwa carakozwe aho mu gihugu abatari bake bihanye, abandi babatijwe eka n’abandi benshi baramuriwe kuba intumwa za Yesu Kristo. Imana yacu ihabwe icubahiro.
Tuzobandanya ibi bikogwa vyo kuzana intama kuri Yesu Kristo no kukangurira abarundi bose rya vugurugwa, umuvyuro n’ikanguro Uhoraho Imana yadusezeraniye. Umwami wacu Yesu Kristo abahezagire!