Umutumiro w’amasengesho w’iyi ndwi

Hanga Ryera ry’Imana, namwe mwese muri mu rugendo rugana I Kanani, bakunzi b’umusaraba namwe mwese murindiriye Isezerano Uhoraho Imana yasezeranye. Nubu turacabandanya gusemerera nkuko Imana iguma ibidutegeka ngo tubwire abaremwe bose ngo bihane, biyeze kandi bahindure ingeso zabo kuko harico Imana y’ Ubushobozi igire yikorere.

URUFATIRO

Mwame mwibuka gukunda Imana n’abantu, kuvuga ubutumwa bwiza no kuranura abigishwa hamwe no guteramira amasezerano. (Matayo 28: 18-20)

INYIGISHO

  1. Yesu ntatoranya abeza n’intwari gusa, akoresha ababigomba kandi biteguye ( Matayo 4:18-22 na Ivyakozwe n’intumwa 22:3)
  2. Yesu niwe yadutoranije kuko yatadukunze ubwambere sitwe twamutoranije ( Yohana 15:16)
  3. Umuhamagaro wacu wa mbere ni ukubana n’Imana no kuyikorera.
  4. Kugira ngo dukurikire Yesu Kristo dutegerezwa guheba vyose. Kandi guteba kwitaba umuhamagaro ni ukugarariza ( Matayo 4: 18-22)
  5. Dusabwa kwama ivyamwa kandi ntiyaduhamagaye kuko twifise mugabo yaduhamagaye ngo aduhe n’ibikoresho ( Yohana 15:8 na Luka 19:10)

IMITWARO YO GUSENGERA

– Gusengera abagwayi, abagendana ubumuga, abageze muza bukuru, impunzi, abapfunzwe, abari mu mutekano muke, abana bo mwibarabara n’imitwaro itandukanye ibegereye.

IVYO MPWEMU YERA AHISHURA

  • Hariho abantu benshi baboshwe n’icaha c’ububeshi, ubwiyorobetsi n’uburyarya bakagisengena kandi bakagikorana imirimo y’Imana. Basabwe kwihana kugira ngo bakibohokeko.
  • Hariho abantu batazi guca umurongo hagati y’ivyo Imana n’ivyo isi ( ivyipfuzo n’ivyiyumviro vyabo, politike, imigambwe, amadini n’amashirahamwe)
    Yesu yagize ati ivyo Imana mubihe Imama ivyo isi mubihe isi ( Matayo 22:21)

Umwami Yesu abahezagire mwese uko muri mu migwi itandukanye y’amasengesho.
Murakoze.

Publicités