Insiguro y’indoto yawe: « Kurota wiyoza. »

INSIGURO Z’INZOZI CANKE INDOTO ZAWE: “KUROTA WIYUHAGIRA”.

Imana Ihoraho kugira ngo ivugane n’abasavyi bayo kuva kera na rindi yamye akoresha ijambo ryayo, abavugishwa nayo, inyereko hamwe n’inzozi. Abantu benshi bararota ibivuye mu vyipfuzo vy’umubiri, ibijanye n’ivyo birigwamwo canke ubwonko bwabo bukabarotesha ibigiye gushika. Niho mwama mwuvya hariho urota ikintu kigashika nkuko yakibonye mu nzozi.

Imana nayo kenshi iravugana nawe mu nzozi nkuko yamye ibigenza kuva kera. Urakwiriye nawe kumenya ico Uhoraho Imana akubwiye mu nzozi ukabitandukanya n’ivyo umubiri canke ivyo satani yoba agomvye kuguteragiramwo.

Nkuko dusanzwe dusigura inzozi, abantu benshi baratubwiye yuko bamaze iminsi barota biyuhagira muri DOUCHE, muri BAIGNOIRE muri PISCINE canke mu RUZI rutemba. Twagira rero tubahe insiguro.

Iyo urose wiyuhagira muri izo nzira tuvuze aho haruguru mbere ukanisiga agasabune hari aho bisigura ukwiyubura kanke gutangura ubuzima bushasha. Kenshi amazi ashungurukira ku mutwe aba ari iciyumviro canke ivyiyumviro ufise ukagihoza ku mutima. Ico kintu kikaba ari icoza ikikuremurura umutwaro canke umuruho ufise mu buzima bwawe.

Ico kintu uhoza ku mutima ki kama mu vyiyumviro vyawe kiba ari icotuma udasubira kwiganyira canke kugira umubabaro kivuye munzira ukumva uraruhutse. Ashobora kuba ari umutwaro w’umuryango ushaka yuko hoba amahoro n’umwumvikano, ashobora kuba ari inzu upanze canke aho ushumvye ugashaka kugira iwawe, ashobora kuba ari umufasha, uruvyaro, indwara n’ibindi umuntu agira mu buzima hamwe bivuye mu nzira aca yiruhutsa.

Kurota rero wiyugagira ni ubutumwa yuko ukwiriye kwiyeza, kwitunganya mu buryo bw’impwemu no mu buryo bwo mu mubiri kugira ukire umubabaro wo mu mutima n’umubabaro wo mu mubiri. Kurota wiyuhagira ni vyiza cane kuko uba ugomba kugira amagara meza yo mu mutima, mu mubiri no mu muryango. (2Abami 5:13-14) Uragomba gusiguza inzozi zawe twandikire nomero murazizi.