ABANA B’IMANA NI ABUMVA BAGAKORA BARONGOWE NA MPWEMU YERA

Hanga Ryera ry’Imana namwe mwese ncuti z’umusaraba, nkuko Uhoraho Imana yacu yabidutegetse ubu muri iyi minsi ibicaniro bitandukanye biguma bikurakuranwa gufata amafungo n’amasengesho yo gusengera igihugu cacu Uhoraho Nyeningabo yahaye amasezerano menshi kandi meza cane no gusengera imitwaro y’abanyagihugu bose.
Ibikogwa ntibigarukira mu gusenga gusa, Uhoraho Imana Yehova yadutumye kandi gusemerera kugira ngo abaremwe bose bihane, biyeze kandi batunganye ingeso zabo kuko hari ico Uhoraho Imana agire yikorere mu gihugu cacu no mu mahanga.
Kubwivyo, abakozi Imana yitoranirije bashwaye imihingo yose y’igihugu, mu mihana no mu mashengero, mu mabohero no mu mashure, mu makambi no mu nkambi batwayeyo ubutumwa bwiza bw’Ubwami bw’Imana, ubutumwa bwiza bw’ijambo rya Yesu Kristo, ijambo ry’ubushobozi, ijambo rikiza ijambo ribohora kandi ritabara.
Mu gihe ab’isi basamazwa n’ibikogwa vy’uruhendo n’amaronko y’iy’isi, Ibikogwa vyo kwitangira umurimo w’Imana vyovyo birabandanya. Kuvuga ubutumwa, kubatiza, kuramura intumwa za Yesu Kristo, gusengera abagwaye no gufasha abagowe birabandanya mu gihugu hagati no mu mahanga.
Turagutumiye nawe kwihana, kwiyeza no gutunganya ingeso zawe kandi wongere uhamagarire umuryango wawe, incuti n’abagenzi gukora ico gikogwa kuko hariho ico Uhoraho Imana agira yikorere. Ntawuzi uko igomba kubigenza mugabo ico tuzi co n’uko twumva imirindi yo gutabagwa.
Bibwigwa benshi bikumva benevyo. Umwami n’umukiza wacu Yesu Kristo abahezagire mwese! www.abisezerano.com