“WABIHISHIJE ABANYABWENGE N’ABAHANGA UKABIHISHURIRA INZOYA”
Imana yacu ni ishimwe kandi ishimwe cane! Hanga Ryera ry’Imana namwe mwese ncuti z’umusaraba aho mu herereye ku mpande zine z’isi. Tuzoguma tubamenyesho uko urugendo rw’Ihanga Ryera ry’Imana ruriko ruragenda kugira ngo mumenye aho tugeze, ibimenyetso vy’ibihe kandi kugira ngo n’impumyi ihumuke imenye yuko turiko turegereza ibihe vyiza twasezeraniwe.
Nkuko Umwami wacu Yesu
Kristo yabivuze muri Matayo 11:25, Uhoraho yabinyegeje abanyabwenge n’abahanga maze ibihishurira inzoya. Bishaka yuko umuntu wese aca bugufi kugira ngo atahure ibanga riri muri uru rugendo rugana Uburundi bw’isezerano. Imana igiye kubaha igihugu c’amata n’ubuki kugira ngo abayubaha bashobore kuyikorera mu gushwara n’isi yose bafasha gutegura urugendo rwa nyuma rugana siyoni yo mwijuru. Ivugurugwa, umuvyuro n’ikanguro bizokwira isi yose bizohera mu gihugu cacu
c’Uburundi.
Hariho abumva tuvuga isezerano Imana nyen’ingabo yahaye abarundi bose nabo bagashaka kuryihererezako, twavuga yuko yatugize Ihanga Ryera nabo bagaca biyita ayandi mahanga, twavuga ivugurugwa, umuvyuro n’ikango bagasimbira kw’isunzu ry’inzu ngo batanguje ikanguro, twavuga yuko dufise umwami ariwe Yesu Kristo nabo bakiyika bagasubira, bakibagira yuko kwigana, kwagiriza no kubesha ari akaranga ka wa mubi satani [Yohana 8:55]
Hanga Ryera ry’Imana, Isezerano rirakoregwa kandi rirateramigwa. Hari urugendo rurerure utegerezwa kugenda uca mu bugaragwa, mu biryanyi no mu bihanda, mu nzara no mu nyota. Nico gituma Uhoraho Imana yatumye abo ikunda kandi yatoranije kwivangura n’ayandi mahanga, tukama dusemerera ngo abantu bihane kandi babatizwe. Ivyo ntitwobikora natwe tutarezwa. Dusemerera ngo batunganye ingeso zabo kandi biyeze kuko natwe dutegerezwa kubanza kuba gutyo kuko umuntu atanga ico afise. Imana yadutumye kwama dufise iminsi yo gusenga twisonzesheje, kwama dusengera mu vyumba

ku karago, dusengera mu nsengero no ku misozi no mu bugaragwa kuko idufiseko umugambi.
Abasenzi babinginzi b’Ihanga Ryera ry’Imana batumwe n’Uhoraho Imana ishitsa amasezerano kuja gusengera mu bibanza biteye ubwoba n’agahinda, ahari ibinogo rusangi aho bataye amasinzi y’inzirakarengane, ibitabo vyaho babandigwa, aho bamye baterekerera, mu masumo batangiramwo ibimazi vya satani n’ibindi bibanza. Ni urutonde rw’Imana rwo kwihumanura no guhumanura igihugu kugira ngo Imana ishitse ico yasezeranye. Ibikogwa vy’Imana si ukurya no kunywa kandi si ukwicara mu bitutu vy’iteka maze ukabonekegwa. Abo Imana Nyen’ubushobozi yirobanuriye baratanguye kuja gusengera mu bibanza vyahumanijwe n’intwaro zagiye zirakuranwa aho bagiye ahari ibinogo rusangi vyatayemwo abantu bishwe bunyamaswa kuva 1965, 1969, 1972, 1993, n’iyindi myaka yakurikiye kuko n’imigwi yitwaje ibigwanisho yarishe abanyagihugu iricana hagati yayo nkuko mbere n’inzuzi zihaye inkumbi. Ico ni igikogwa c’abahizi gusa kitiganwa mu nkinamico. Ivyo vyose bigigwa mu kwubaha no kugamburukira Imana yo yatumenyesheje yuko abo tugwana atar’ab’inyama n’amaraso, ariko tunigana n’abakuru n’abafise ububasha n’abaganza iy’si y’umwiza, n’impwemu mbi z’ahantu ho mw’ijuru. [Abayefeso 6:12]
Hariho ibikoresho vya satani vyinshi vyishushanya n’abakozi b’Imana, barigisha, bakavugishwa, bakanisuka mu mirimo y’Imana batahamagariwe. Ntuzokangwe n’amazina y’ivyubahiro bafise, ntuzokangwe n’imyambaro yabo canke n’amajambo bavuga. Uzobamenyeshwa n’ivyamwa bama. Kuko igiti ciza cose cama ivyiza gusa ariko igiti kibi cama ibibi [Matayo 7:17]
Ivyo Imana ntibikogwa n’abafise ivyubahiro canke abishira hejuru mugabo bikogwa n’ababihamagariwe, abaciye bugufi. Muntu waremwe aho uri hose, nturabe igihagararo cawe kandi nturabe aho uri. Niwumva umuhamagaro w’Imana ntudidinganye, niwatahura yuko vy’ukuri ari Imana yavuze nturabe amaso y’abantu kuko Umwami wacu Yesu Kristo ariko aringinga ahamagarira abantu bose kwihana, kwezwa no gutungana. Avuga yuko ivyimbugwa ari vyinshi kandi abimbuzi ari bake [Matayo 9:37]
Muntu uzi ahari ibibanza habereyemwo ubwicanyi amaraso y’abarundi amamenwa kumvo izarizo zose, muntu uzi ibibanza bamye baterekereramwo, batangiramwo ibimazi n’iyindi mihango y’ibikogwa vya satani, uratewe akamo kuhereka abo kugicaniro kihegereye c’Ihanga Ryera ry’Imana canke uhamenyeshe kuri numero zikurikira kuko turagomba yuko atakibanza na kimwe co mugihugu cacu gisigara inyuma kidahumanuwe. Whatsapp: +257 61038453, +257 61404181, +257 69595788, +251 940846357Canke abisezerano@yahoo.com Umwami wacu Yesu Kristo akomeze kubazigama mwese!