Kurota uguruka bisigura iki?

KUROTA UGURUKA: INSOBANURO N’UBUTUMWA UBA UHAWE

Hariho abantu bumva dusigura inzozi bakibaza ngo none gusigurigwa inzozi bitumariye iki! Kuva kera, Uhoraho Imana Yehovah Yire yamye avugana n’Ihanga ryiwe akoresheje inzozi. Bibiliya Yera iratwereka neza yuko kuva mw’isezerano rya kera no mw’isezerano rishasha Imana yamye ikoresha indoto mu kubura, mu kwigisha, mu gufata ingingo no mu kwishura amasengesho. Akarorero aho Yezefu yagomba kubengera mu mpisho Mariya nyina wa Yesu Kristo, Imana yamubwiye ngo ntugire ubwoba [Matayo 1:20] n’igihe yategerezwa guhungishiriza no guhungura umuryango wiwe muri Egiputa Imana yavuganye nawe mu nzozi [Matayo 2:13-23] Indoto zawe zifise ubutumwa bw’agaciro atahandi uzobukura. Menya insiguro y’inzozi zawe.

Kurota rero uguruka kandi ukaguruka nkuko ubishaka ni uguhabwa ububasha mu mpwemu canke mu mutima bwo gushobora gufata ingingo ibereye. Iyo ushobora ku guruka uraraba hasi ukabona ibintu vyose, kenshi rero bisigura yuko utegerezwa kuraba ibintu mu buryo bwiyaguye, ikintu ntukirabe co nyene mugabo ukagishira mu bindi maze vyose ukabisuzumira hamwe. Kenshi rero kurota uguruka bisigura yuko wahawe uburenganzira bwo kwidegemvya, washoboye gusimba umutego canke wabohowe. Usanga kenshi mwene izo ndondo zinezereye kuko uzirota amengo uri maso ukabona ingene uca hejuru y’imisozi, inzuzi n’amashamba. Ivyahora bigutera ubwoba vyose agasa n’ubigaba akabiganza. Mugabo iyo wumva ubwoba mu gihe uriko uraguruka uri hejuru cane vyo bisigura yuko utinya ibigeragezo, ukanagira amakenga yo kubitsinda. Uba uriko uraremeshwa ngo ntutinye.

Kurota uriko uraguruka biravana nivyo uba uriko urasengera canke ivyiyumviro biri mu mutima wawe. Kurota uguruka ni inyishu iz ikurikira ibibazo ufise. Hari aho rero bisigura yuko mu Mpwemu wakuze ukagera ku rugezo rushimishije n’ijuru ribinenereregwa. Hari naho izo nzozi zikubwira yuko ugiye kugira urugendo rurerure n’ivyuma vyo kwiyunguruza, ko ugiye kuja mu gihugu ca kure. Bivana n’uko izo ndoto zawe zubatse. Ufise indoto, inyereko ushaka gusigurigwa twandikire. Umwami Yesu abazigame!